Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Niamey : Abakirisu ntiborohewe inyuma y’ibicapo vya Charlie Hebdo - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Niamey : Abakirisu ntiborohewe inyuma y’ibicapo vya Charlie Hebdo

Niamey : Abakirisu ntiborohewe inyuma y’ibicapo vya Charlie Hebdo

dimanche 18 Nzero 2015

I Niamey ku mugwa mukuru w’igihugu ca Niger amashengero agera ku ndwi y’abakrisu niyo yaturiwe mu gihe abasiramu bariko biyamiriza ikinyamakuru Charlie Hebdo.

Muri iyo migumuko, abantu batanu bakaba bapfuye, abandi batanu barapfa mu gisagara ca Zinder, kigira kabiri nayo abakirisu bagera kuri 255 bakaba bacungiwe ubuzima n’abasirikare b’igihugu. Kuri uyu wa gatandatu rero abakirisu bakavuga ko bagizweko ibitero bidasanzwe n’abo basiramu bariko biyamiriza ico kinyamakuru Charlie Hebdo co mu gihugu c’Ubufaransa. Abari muri ayo madini yemera Yezu bakavuga ko bahatoye abasirikare, inyuma yaho amashengero yabo atuririwe.

Mukamenya ko n’amashirahamwe amwe amwe y’igihugu c’Ubufaransa akorera muri ico gihugu, canke amazu y’ubunywero ategamiye abari mw’idini rya Islam yabomowe.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.