Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abafungwa b’abihevyi batorotse ibohero i Niamey - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Abafungwa b’abihevyi batorotse ibohero i Niamey

Abafungwa b’abihevyi batorotse ibohero i Niamey

lundi 3 Ruheshi 2013

Imbohezo zo muri Niamey zikitse mu kiza inyuma y’igitero cari cagizwe n’abihevyi b’aba islam bo muri Boko Haram ku munsi wa gatandatu igenekerezo rya 1 Ruheshi 2013.

Aho nyene kuri iryo bohero haciye hatoroka abafungwa 22, muribo hakaba harimwo abihevyi.
Igitero co ku munsi wa gatandatu kikaba cari cahitanye abantu babiri n’abacungera iryo bohero batatu baciye bakomereka.
Abanywanyi batatu ba Boko Haram baciye bafatwa.

Mu kiganiro cahawe abanditsi n’abamenyeshamakuru n’umushikiranganji akaba n’umuvugizi wa Leta mu gihugu ca Nigeriya, yaremeje ko abo bafungwa 22 bikitse mu kiza inyuma y’igitero cabaye ku munsi wa gatandatu kugira batoroke mw’ibohero ryo muri Niamey.

Muri abo batorotse harimwo abicanyi n’abagiziba nabi.
Chedani, umwihevyi wa mbere azwi ava mu gihugu ca Mali, yarasanzwe afunzwe imyaka itari mike muri iryo boheroryo muri Niamey, yagirizwa kuba yarishe abantu bane bava mu gihugu ca Arabi Saoudite n’umunyamerika umwe akaba ariko araronderwa cane n’igipolisi ca Nigeriya.

Abanyagihugu bo muri ico gisagara ca Niamey bakaba batewe ubwoba n’ukwo kugerageza gutoroka kw’imbohe.

Abategetsi b’ako karere bakaba bahumurije abanyagihugu baho, babahamagarira kuguma barikanuye, babungabunge umutekano hamwe no kwirarira na cane cane gukorera hamwe kugira bagarukane umutekano.

Ku munsi w’Imana, igenekerezorya 3 Ruheshi, igipolisi kikaba caraturiye imodoka ikekwa kuba irimwo abihevyi b’abanyeshure b’ishure ryisumbuye, umwe muribo akaba yaciye ahasiga ubuzima ubwo nyene.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.