Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Nicolas Sarkozy n’umugambwe wiwe basabwe kuriha ihadabu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Nicolas Sarkozy n’umugambwe wiwe basabwe kuriha ihadabu

Nicolas Sarkozy n’umugambwe wiwe basabwe kuriha ihadabu

lundi 8 Mukakaro 2013

Inama nkuru y’Ubufaransa yubahiriza ibwirizwa shingiro, yarafashe ingingo ku munsi wa kane igenekerezo rya 4 mukakaro yo kurihisha umugambwe wa Nicolas Sarkozy amafranga agera ku miriyoni 11 y’amafranga y’abanyaburaya, hamwe n’ibihumbi 500 vy’amanyaburaya ku wahoze arongoye igihugu c’ubufaransa Nicolas Sarkozy.

Abagize iyo sentare bakaba bari bahejeje kwanka kwemeza amafranga yakoreshejwe mu gihe co kwiyamamaza k’uwahoze ari umukuru w’igihugu c’aubufaransa Nicolas Sarkozy hamwe n’umugambwe wiwe UMP, kuko barengeje uburyo bemererwa n’amategeko. Iyo ngingo ikazotuma haba ingorane y’ubutunzi ikomeye mu mugambwe wa nicolas Sarkozy aho umukuru w’uwo mugambwe jean Francois coppe,yamenyeshejeko yatumiriye abanywanyi b’umugambwe wiwe hamwe n’abatowe muri uwo mugambwe UMP, kugira batoze amafranga azibira ikinogo kivuye kukuriha iryo ihadabu.

Ku vyerekeye naho ibihumbi 500.000 vy’amafranga y’abanyaburaya Nicolas sarkozy ategerezwa kuriha ,ngo ni amafranga bakoresheje bakuye mu kigega ca Leta kugira bashobore kwiyunguruza mu miduga, muri za kajugujugu ) kandi yabikora yitwaje ko yari uwuhiganwa kandi ari ku butegetsi, na cane cane ko yari umukuru w’igihugu.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.