Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Nicolas Sarkozy yagiriza ubutungane gushaka kumwifatira mu gahanga - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Nicolas Sarkozy yagiriza ubutungane gushaka kumwifatira mu gahanga

Nicolas Sarkozy yagiriza ubutungane gushaka kumwifatira mu gahanga

lundi 7 Mukakaro 2014

Inyuma yaho Nicolas Sarkozy arengukirijwe imbere y’ubutungane mu gihugu c’Ubufaransa, ku bw’ivyaha vy’ubunyonyezi n’ibiturire, uwo yahora arongoye igihugu c’Ubufaransa yagirije ubutungane gushaka kumwifatira mu gahanga.

Mu kiganiro yaciye aha imboneshakure zibiri zo mu gihugu c’Ubufaransa arizo Europe1 na TF1, inyuma y’amasaha make ahejeje gusamba ivyo yagirizwa, Nicolas Sarkozy yamenyesheje ko ubutungane bushaka kumwifatira mu gahanga mu kumwagiriza gukora ubunyonyezi, gurya ibiturire no kumena amabanga y’akazi.
Sarkozy akaba yamenyesheje ku mboneshakure y’abafaransa Europe 1 ko yababajwe kandi yarengewe n’ivyo yagirijwe n’ubutungane bw’Ubufaransa bwamurengukishije. Ku bwiwe akabona ko ari irementanta rijanye n’ukumwifatira mu gahanga mu kumwerekana uko atari.

JPEG - 604.5 ko
Nicolas Sarkozy

Mwomenya ko Nicolas Sarkozy atigeze yemera ivyo yagirijwe vyose, akavuga kandi ko atigeze ahemukira n’igihugu ciwe. Ku bivurwa naho ko yoba ashaka guhunga kubera ivyo yagirizwa, Sarkozy avuga ko atariko arahunga amabanga, niyaba harico yakoze kibi kimwagira, azocemanga n’imbere y’amategeko.

Tubibutse kandi ko ku vyaha vy’ubunyonyezi, ibiturire no kumena amabanga y’akazi Nicolas Sarkozy yagirizwa, ari ivyaha bishobora ku mujana mu munyororo w’imyaka itandatu.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.