Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Niger : Amashengero 45 yaturiwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Niger : Amashengero 45 yaturiwe

Niger : Amashengero 45 yaturiwe

lundi 19 Nzero 2015

Amashengero mirongo ine n’atanu niyo yaturiwe mu migumuko yabaye muri Niger, izindi nyubakwa zirasahurwa urukomba amazi imbere y’uko zidomekwa umucanwa nazo.

I Niamey muri Niger ibintu bitari bike vyarononekariye mu myiyerekano yabaye yo kwiyamiriza ibicapo vya Charlie Hebdo vyerekanywe mu kinyamakuru casohotse mu mpera y’ino ndwi turangije.

Amashengero mirongo ine n’atanu niyo yaturiwe mu migumuko yabereye muri Niger, biyamiriza ibicapo vya Charlie Hebdo, nk’uko vyashikirijwe kuri uno wa mbere n’umuvugizi w’igiporisi c’igihugu c’aho muri Niger.

Ibintu vyinshi bikaba vyahononokeriye : amashengero 4 yaturiwe, amahoteri atanu, irerero ry’impfuvyi hamwe n’ishure rimwe vyasahuwe imbere y’uko riturirwa, nk’uko Adily Toro umuvugizi w’igiporisi abandanya abishikiriza mu kiganiro n’abanditsi
n’abamenyeshamakuru.

Muri iyo myiyerekano nyene abantu batanu bitavye Imana, hamwe n’abandi 128 bakomeretse, n’abandi 189 bahagaritswe.


Floxella Karire

Messages

  • Ndasengeye abakirisu bo Niger,Imana ibahorere ihane abakorera ikibi.Idini ribuza umutekano abantu n’abana b’Imana mw’IZINA RYA Yesu risambuke abarigize basabagizwe.Ico kinyamakuru mbega cavuze Uwutovugwa?Ko hari abagiriza Yesu ko yabambwe kubera yivye imbaho,Abakristo ko tutigaragamvya?Muhamadi icari muriwe turakibona mubigishwa biwe!Namba biruko abo yahenze Imana Y’UKURI,Imwe iboneka mukuri izobakorera ibisumba ivyo bakorera abandi.Ndibutsa abansi ba Yesu ko atabukiriro bw’igicumuro bafise Iherezo ryabo nuguhona.Baravumwe abaturiye ingoro zikoraniro z’abakristo.

  • Jewe nanje ndavuga nti: nubwoyoba aba ckristo bakaja guturira amashengero ( imisigiti) yaba Islam nkakokagene twebwe aba kristo ahoturihose twovyiyamiriza. Kubwivyorero nizereko aba Islam ko bakwiye kwiyabiriza abakose iryoshano ryoguturira ayandibasengero ya ba ckristo. Kuko abobaturiye ayomasengero nubwobiyitiriye aba Islam ntabwo arabisiramu basanzwe nkabadusanzwe dukorana ibikorwa vyamisiyose jewe ukwonikwo ndavyibaza.

  • none wumva aribande badometse uwo mucanwa?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.