Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Nigeria: Abafashwe bariko barenga ibigo bategetswe kugenda bari gusa mu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Nigeria: Abafashwe bariko barenga ibigo bategetswe kugenda bari gusa mu (...)

Nigeria: Abafashwe bariko barenga ibigo bategetswe kugenda bari gusa mu gisagara

vendredi 27 Nyakanga 2013

Abafashwe bariko barashurashura mu gisagara ca Orokam Obadigbo mu Buseruko bw ‘igihugu ca Nigeria, bategetswe kugenda mu gisagara bari ukwo Imana yabaremye.

Abo bariko barashiurashura bakaba bose bari bubattse, uretse ko umugore yari yapfakaye kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 24 Nyakanga, aca afatwa inyuma y’iminsi ibiri gusa umugabo wiwe ashengeye, ni ukuvuga ko yafashwe bakiri mu kigandaro. Uyo mugore akaba yafashwe n’abagize umuryango w’umugabo wiwe, baca bamutegeka kugenda ari gusa mu mabarabara yose y’igisagara, co kimwe n’umugabo basanze baryamanye.

Ukwo kumaramaza abafashwe bariko barashurashura rero kukaba kuri mu mico y’ico gisagara, umuco witwa Alekwu, usaba guhana abafashwe bariko bararenga ibigo ukwo, bakabahanisha kubazungurukanisha igisagara cose n’amaguru, atagahuzu na kamwe kabari ku mubiri wabo. Ico gihano rero kigatuma abafise agatima ko guca inyuma abo bubakanye, gitinywa, umwe wese akubaha uwo babana.

Ico gihano kiramaramaje kandi kirakomeye cane, kuko abantu bose usanga buzuye amabarabara , bakuraba nk’agahabwa. Ico gihano kigashobora mu minsi n’uguhinduka ico kwicwa, nk’uko amakuru abandanya avuga, amakuru ava muri ico gisagara c’igihugu ca Nigeria.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.