Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Nigeria : Abantu 39 basize ubuzima mu gitero cagirizwa Boko (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Nigeria : Abantu 39 basize ubuzima mu gitero cagirizwa Boko (...)

Nigeria : Abantu 39 basize ubuzima mu gitero cagirizwa Boko Haram

jeudi 13 Ruhuhuma 2014

Amakuru ava mu gihugu ca Nigeria, amenyesha ko abantu bagera kuri 39 bitavye Imana mu gitero cagirizwa akarwi kitwaje ibirwanisho k’aba isiramu ba Boko Haram, mu buraruko bushira ubuseruko bw’igihugu ku birometero 35 uvuye ku murwa mukuru w’igisagara ca Maiduguri.

Nkuko vyashikirijwe na Kashim Shatima, buramatari w’i Borno, kuri uyu wa gatatu wa 12 Ruhuhuma, abantu 39 nibo basize ubuzima mu gitero cabaye mw’ijoro ryo kuri uwu wa 11 ushira uwa 12 Ruhuhuma, ikirwati babamwo naco ca Konduga kiratikizwa congera kirasamburwa gushika ku bice 70 kw’ijana.
Ibiziga bikaba vyaciye bitwarwa mu musigiti, muri ivyo hakaba harimwo abakanyezi n’abana. Nayo abakomeretse bagera kuri 65 baciye batwarwa mu bitaro vy’i Maiduguri.
Sulaiman Abubakar, ni umwe mu bari baje muri ico gitero, avuga ko catanguye isaha 11 n’igice zo ku mugoroba, kikaba camaze n’amasaha atari make. Igitigiri c’abantu bari bambaye impuzu za gisirikare bari baje kugira ico gitero kikaba cagera ku majana ane.

Ibibanza bateyemwo akaba ari umusigiti w’i Konduga, amasoko hamwe n’inyubakwa zikoreramwo inzego. Inzu nazo zigera ku bihumbi bibiri zikaba zarasambuwe. Abashoboye kurokora ubuzima bwabo bakaba baciye bahungira mw’ishamba.
Buramatari Kashim Shatima yabwiye abarokotse ko umuhari Boko Haram ufise ibirwanisho vyinshi kurusha igisirikare ca Nigeriya, kubw’ivyo akaba yasavye ko horungikwa abasoda benshi mu gace ka Borno kugira umutekano ucengerwe bikwiye.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.