Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Nigeria : Abantu 74 nibo basize ubuzima mu gitero ca Boko Haram - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Nigeria : Abantu 74 nibo basize ubuzima mu gitero ca Boko Haram

Nigeria : Abantu 74 nibo basize ubuzima mu gitero ca Boko Haram

lundi 3 Ntwarante 2014

Abanyagihugu bo mu gisagara c’i Maiduguri no mu micungararo yaho mu buraruko bushira uburengero bw’igihugu ca Nigeria, mu mpera y’indwi ntiborohewe na gato, kuko habaye ubwicanyi bwakozwe n’abanya isiramu b’intagondwa bo muri Boko Haram. Igisirikare caragerageje gutabara mu maguru masha.

Iyo ntureka yahitanye abantu 74 mu munsi umwe gusa wo kuwa gatandatu. Ico gitero ca mbere kikaba cahitanye abantu 35 i Maiduguri umurwa mukuru wa Reta ya Borno.
Lawal Tanko, umukuru w’igiporisi wo muri Reta y’i Borno, ku kinyamakuru AFP yagize ati : "Tubandanya duharura, muri kino tugeze ku biziga 35."

Igitigiri c’abaguye muri ico gitero ntigihurizwako

Umunyagihugu asanzwe aba muri ako karere yari aho mu gihe bariko baratabara yavuze ko yafashije igiporisi n’abasirikare mu kujana ibiziga 50 ku bitaro i Sani Abacha. Uwo nawe avuga ko ivyo biziga harimwo abagabo n’abagore. Abanyagihugu bo muri ako gace baza barakuye meza, barata imihana yabo.
Ico gitero cabereye muri karitiye isanzwe ifise abantu benshi yitwa Gomari, mw’ibarabara rihuza Maiduguri igisagara cavukiyemwo uwo murwi w’aba Boko Haram.
Nk’uko bivugwa n’abanyagihugu bo ngaho muri ako karere, ivyo bisasu vyari vyanyegejwe mu modoka zibiri zitagikora. Umwe muri abo banyagihugu akaba yamenyesheje ko ico gisasu caturitse mu gihe bari bagomba baje mu gisabisho co ku mugoroba.

Igisasu kigira kabiri cahitanye abantu benshi cane abandi nabo barakomereka, mu gihe benshi bariko biruka bashaka gutabara abari bahejeje guterwa igisasu ca mbere.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.