Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Nigeria : Abanyamahanga bariko barirukanwa mu kurwanya Boko (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Nigeria : Abanyamahanga bariko barirukanwa mu kurwanya Boko (...)

Nigeria : Abanyamahanga bariko barirukanwa mu kurwanya Boko Haram

mardi 27 Myandagaro 2013

Leta ya Nigeria imenyesha ko ko imaze kwirukana abanyamahanga bagera ku bihumbi mirongo ibiri na bibiri muri uyu mwaka turimwo. Benshi muri abo birukanwe bakaba bava mu bihugu vya Niger, Tchad na Cameroun, ari navyo bihugu bisanzwe bihana imbibe na Nigeria. Mu gihe bikeka ko abanyamahanga bakorana na Boko Haram, ivyo bikorwa vyo kubirukana bikaba vyafashwe mu ntumbero yo kurwanya ibitero vy’abarwanyi ba Boko Haram.

Mu biro bijejwe igendereza muri Nigeria bamenyesha ko ata makenga, abanyamahanga bari muri ico gihugu nibo bafashanya na Boko Haram.
Abategetsi ba gisirikare bemeza ko ayo makuru bayakuye mu bitero bitandukanye vyagiye birakorwa na Boko Haram. «Inyuma y’aho dutaniye mu mitwe na Boko Haram mu turere aho batera ibirindiro vy’abapolisi n’ubusho, twarahagaritse abantu bagera kuri batanu baturuka muri Tchad no muri Niger. N’ubu vuba, mu karere ka Damaturu, twarahagaritse abarwanyi ba Boko Haram baturuka mu gihugu ca Cameroun. Nico caciye kidutuma dufata ingingo yo gukurikiranira hafi ico kibazo."

Iryo sano rero riri hagati y’abanyamahanga bari muri Nigeria n’abafatwa bagiriza kuba bari muri Boko Haram niryo ryaciye rituma bafata ingingo yo kutihanganira abari muri ico gihugu batabifitiye uburenganzira.

Ubutegetsi bwa Nigeria bumenyesha ko Leta zunzubumwe z’Amerika zemeye gutanga imfashanyo y’ibikoresho vy’ubuhinga kugira umutekano ku mbibe Nigeria ihana n’ibindi bihugu wongerezwe. Ku kibazo c’igitigiri c’abanyamahanga ubu bapfunzwe bagirizwa kuba ari abarwanyi ba Boko Haram, Leta ya Nigeria ntaco yashimye kubivugako.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.