Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Nigeria : Abantu 21bariko baraba umupira bishwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Nigeria : Abantu 21bariko baraba umupira bishwe

Nigeria : Abantu 21bariko baraba umupira bishwe

mercredi 18 Ruheshi 2014

Mu gihe abanyagihugu bo mu Buraruko bwa Nigeria bariko bararaba umupira w’amaguru wahuza Bresil na Mexique, inzu bari bakoraniyemwo yatewe igisasu ntezwaminwe, abashika 21 baca baritaba Imana.

Ako kaga kakaba kabereye mu Buraruko bwa Nigeria i Damaturu. Muri ico gitero cagizwe n’abantu bataramenyekana, abantu bagera kuri 21 akaba aribo baciye bitaba Imana, nayo 27 barakomereka cane nk’uko aya makuru abandanya ava mu bitaro biriko bivurirwamwo abakomeretse vy’I Sani Abacha.

Mwomenya ko inyuma y’ico gitero, abasirikare benshi barimwo n’abaporisi baciye bazunguruka ahabereye iryo bara, ariko ababikoze bakaba bataramenyekana n’ubu. Ico gihugu ca Nigeria rero, kikaba kimaze iminsi kigirwako ibitero vy’abantu b’inkozi z’ikibi, aho abo bicanyi baniga abanyagihugu b’inzirakarengane.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.