Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Nigeria : Agahinda niko kishe abavyeyi banyururijwe abana na Boko (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Nigeria : Agahinda niko kishe abavyeyi banyururijwe abana na Boko (...)

Nigeria : Agahinda niko kishe abavyeyi banyururijwe abana na Boko Haram

samedi 26 Ndamukiza 2014

Indwano zasutamye hafi y’ahantu hibazwa ko ariho hoba haranyururijwe abanyeshure isinzi batwawe n’umurwi wa Boko Haram, aho abasirikare bane bitavye Imana ku ruhande rwa Reta nayo 40 bakicwa ku ruhande rw’aba Boko Haram

Hafi ya Bulanbuli muri ico gihugu ca Nigeria akaba ariho habereye imirwano ikomeye nk’uko vyemezwa n’umuvugizi w’igisirikare w’ico gihugu général Chris Olukolade. Uyo muvugizi yemeza ko abarwanyi baba Islamistes bo mu murwi wa Boko Haram bagera kuri 40 aribo bishwe, ku ruhande rwa Reta naho, hagapfa abagera kuri 4. Imirwano ikaba airiko irabandanya, mu ntumbero yo kuraba ko abo banyeshure batwawe, borekurwa.

Mukamenya ko abo banyeshure banyurujwe mu ndwi iheze n’izo ntagondwa, baca bajanwa ahantu n’ubu atawurahatora nka neza. Abavyeyi b’abo banyeshure agahinda akaba ariko kabarembeje, aho bavuga ko barize barihanagura, ariko n’ubu bagumana icizere ko abana babo bazoteba bagatorwa iyo bajanywe n’izo nkozi z’ikibi.


Aristide Nizigire

Messages

  • Isi yose ntabwo abantu boba abakirisu canke abisiramu kunguvu!!!Abisiramu bareke izo propagandas zabo ko isiyose igomba kuba abaisilamu!!N’abahindi basenga inka bafise full right yo kubisenga niba bitonona imico n’akaranga kama y’igihugu cabo!!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.