Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Nigeria : Agahinda niko kuzuye abari barindiriye abageni - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Nigeria : Agahinda niko kuzuye abari barindiriye abageni

Nigeria : Agahinda niko kuzuye abari barindiriye abageni

lundi 4 Munyonyo 2013

Abantu barenga kuri 30 nibo bagandaguriwe mu Buraruko bushira Ubuseruko mu gihugu ca Nigeria, igihe bariko baja gushingira abageni nk’uko vyashikirijwe n’abamwe mu ncuti z’abahitanywe n’intagondwa z ’abasiramu bo mu muhari wa Boko Haram.

Mu gihe abo bageni bari bashitse mu ntara ya Borno, umurwi w’izo ntagondwa witwaje ibirwanisho ukaba waciye ubugururirako umuriro, maze abarenga 30 baca barahasiga ubuzima ubwo nyene, mu gihe abandi bakomeretse cane. Ikindi kandi, ni ukwo yaba abageni canke bamwe mu ncuti za hafi z’abari baroye gushinga urwabo nabo nyene baguye muri uyo mutego, igihe bari bavuye mu misa y’uguhezegira abo bageni i Michika hafi ya Adamawa.

Uwabonye ako kaga, avuga ko vyari biteye agahinda n’ubwoba kubona inganda zatikiriye ahantu hari hano, abantu bishwe baryamye mw’ibarabara. Ababibonye bakavuga ko urupfu rw’abo bantu rwari rubabaje cane, kuko bishwe urw’agashinyaguro, mu gihe ibiziga bimwe basize babimanitse kwi barabara, biboheye ku biti hejuru. Mu muryango akaba yari amarira gusa avanze n’agahinda ntangere.

Uyo murwi w’iwo ntagondwa rero ukaba uriko urakurikiranwa n’abajejwe umutekano, mu gihe badasiba kwiha inkumbi aho muri Nigeria. Gushika ubu abashoboye kurokoka bakaba bariko bavurirwa mu bitaro vya Maiduguri aho nyene muri Nigeria.


Aristide Nizigire

Messages

  • HARI ABKORA IBIKOGWA BIBI BAKIYITA KO ALI ABA ISLM UBWISLM NTABWO BUTUTEGEKA KWICA NIMANA IRABIVUGA MU KITABO CAYO CA QORANI GURYA MUNTU AZICA MUGEZI WE BASI AMAHERERO YIWE NI MUMURIRO UDAHERA NINTUMWA YIMNA YARABIVUZE ATI GO NI MWIRIDE IBINTU 7UWUZOHIRA HIRA AGAKORA NA KIMWE BASI AZO KWIJIRA MUMURIRO UDAHERA AVUGA GO NTUZE WICE MUGEZI WAWE NINACO KITUMA ABABIKORA BIYITIRA GO NA ABA ISLM NUKURI BAZOBIBAZWA IMBERE YIMANA

  • haba ba Ism . qorani yabo ibisha kwica?? ntibabarira nabantu bigiriye mubugeni bwawo! cya shetani kizabamareho. ntakindikibakwiye

  • islm. bivuga kugiranabi?? ibyo qorani byabo nibaribyo bibisha gukora amahano bazabijugunye

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.