Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Nigeria : Amerika yarungitse abandi abasirikare gufasha kurondera (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Nigeria : Amerika yarungitse abandi abasirikare gufasha kurondera (...)

Nigeria : Amerika yarungitse abandi abasirikare gufasha kurondera abanyeshure banyurujwe

jeudi 22 Rusama 2014

Igihugu ca Reta zunzubumwe z’Amerika carungitse izindi ngabo zongera kuzari zarungitswe mu ntumbero yo gufasha abasirikare b’igihugu ca Nigeria gutora irengero ry’abanyeshure banyuruzwa n’umuhari wa Boko Haram wagirizwa iterabwoba.

Abasirikare 80 b’abanyamerika nibo barungitswe mu gihugu ca Tchad mu ntumbero yo gukora ibikorwa vyo guperereza n’ugucungera hejuru y’igihugu ca Nigeria, hamwe n’uturere tubanyi, nk’uko vyashikirijwe ku munsi w’ejo kuwa gatatu n’umukuru w’igihugu ca Amerika Barack Obama mw’ikete yasohoye. Abo basirikare bazokoresha indege ya kajugujugu idafise ibirwanisho yarungitswe mu gihugu ca Tchad ahahana urubibe n’uburaruko bushira ubuseruko bwa Nigeria. Ubwo buryo bwongeye kubwari buriyo kuva mu ndwi iheze, indege zisuma urusaku hamwe n’imirwi y’abahinga ba Nigeria, mu bikorwa vyo kurondera abo bigeme, bari kumwe n’abahanuzi batandukanye ba Amerika bajejwe gushigikira abasirikare.

Mwomenya ko abavyeyi b’abana banyurujwe n’ubu bataramenya amakuru y’abana babo 223 banyurujwe bakuwe kw’ishure bigako i Chibok mu buraruko bushira ubuseruko bw’igihugu ca Nigeria.


Floxella Karire

Messages

  • Emwe bafise umutima nka kayabu ,ese amabere yonkowe muri somalia ngo bagiye gutuza intagondwa.bibagira ningoga bagiye gukinzura ahoba agatoro nayo aba islamiste baribonera,hatanyarutse bakaruhariwe kuvya kanyeshamba expeurs àla guère civile burundase ntaco bazokwokora,pe!barabaza umuti aho bawashe uwavuye somalia kuri cagisebe cari carananiranye!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.