Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Nigeria : Boko Haram ibandanya kwiha inkumbi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Nigeria : Boko Haram ibandanya kwiha inkumbi

Nigeria : Boko Haram ibandanya kwiha inkumbi

dimanche 22 Ruheshi 2014

Hafi y’ahanyururijwe abanyeshure barenga 200, niho haraye hasubiye kurwa irindi bara, aho abantu barenga icumi baraye bagandaguwe bunyamaswa hafi y’igisagara ca Chibok.

Nk’uko vyemezwa n’abarongoye abandi muri ico gisagara,abarwanyi b’umurwi wa Boko Haram akaba ariwo waraye wishe abo banyagihugu. Bavuga begeranije imivyimba y’abantu batari munsi ya cumi, kandi muri abo bikaba vyaboneka ko bapfuye babanje kuraswa. Muri ako gace ka Chibok rero, hakaba hamaze gusiga ubuzima abantu batari bake, kandi bose bakagirizwa intagondwa zo mu muhari wa Boko Haram.

Mwomenya ko muri ico gitero caraye kibaye kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 21 Ruheshi, abo bicanyi baje mu miduga, abandi nabo baza ku mapikipiki baca bashikira kwugururira umuriro mu banyagihugu. Abanyagihugu bomuri akogace, bakavuga koumurwi wa Boko Haram wabatuntuje, kuko ababo bamaze kuhasiga ubuzima ari ikirenga.


Aristide Nizigire

Messages

  • Mana turakwinginze ugarukire, afrika utumarire izintambara zidahera na twe banyafrika twigarure tugaruke kur Rurema azoheza atwumvire.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.