Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Nigeria : Boko Haram yagandaguye abantu 44 mu musigiti - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Nigeria : Boko Haram yagandaguye abantu 44 mu musigiti

Nigeria : Boko Haram yagandaguye abantu 44 mu musigiti

mardi 13 Myandagaro 2013

Abantu baharurwa muri 44 nibo bitavye Imana mu bwicanyi bwabereye mu gisagara ca Konduga mu gihugu ca Nigeria, kuri birometero 35 uva mu gisagara ca Maiduguri, umurwa mukuru wa Leta ya Borno.

Nk’uko tubikesha BBC, abarashe bikekwa ko boba ari abo mu murwi wa Boko Haram, umaze guhitana abantu baharurwa mu bihumbi mu buraruko bwa Nigeria kuva mu mwaka w’2009.

Ikinyamakuru co muri ico gihugu ca Nigeria "Daily Post", kimenyesha ko hejuru y’abo bapfuye, abandi banyagihugu 26 bakomeretse bariko bavurirwa mu bitaro vya Maiduguri.

Umwe mu bari mu murwi ujejwe guhagararira umutekano muri ako gace yabwiye iyandikiro ry’amakuru AP, ko bane mubo bakorana bahasize ubuzima igihe bahamagarwa kuja gutabara.
I abo gusa kuko abandi banyagihugu 12 biciwe mu kirwati ca Ngom, hafi ya Maiduguri.

Umukuru w’igihugu ca Nigeria, Goodluck Jonathan yafashe ingingo z’umukwabu muri Leta zitatu zo mu buraruko bushira ubuseruko bwa Nigeria kuva mu kwa gatanu, yarungitse ingabo zija guhiga abo mu murwi wa Boko Haram.

Abarwanyi ba Boko Haram bashaka gutembagaza ubutegetsi bwa Nigeria, bagashiraho amategeko ashingiye ku vyiyumviro vy’idini rya islam sharia.

Amakuru ava muri ico gihugu amenyesha ko umwanya wose Boko Haram yagiye ikora ibitero ku bakirisu, hari aho yagiye yica n’aba islamu.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.