Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Nigeria : Boko Haram yagandaguye abantu isinzi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Nigeria : Boko Haram yagandaguye abantu isinzi

Nigeria : Boko Haram yagandaguye abantu isinzi

jeudi 8 Rusama 2014

Abantu bagera ku 300 nibo bashobora kuba baguye mu gitero cagizwe n’umurwi w’intagondwa wa Boko Haram mu gihugu ca Nigeria.

Ico gitero cagizwe n’uwo murwi witwaza idini rya Islam, cagizwe mu gisagara kiri mu Burengero bushira Ubuseruko, kikaba kiri mu bitero vyahitanye abantu benshi kandi b’abanyagihugu. Ivyo bikaba vyashitse mu gihe amakungu yavuye hasi kugira afashe mw’igarukanwa ry’abana b’abigeme baheutse kunyuruzwa n’izo nkozi z’ikibi, aho abana bagera ku 223 batwawe ahantu hataramenyekana kugeza n’ubu.

Ahmed Zanna umukenguzamateka yatowe muri ako karere kabereyemwo iryo bara, aremeza ko abantu bagera ku 300 aribo bagandaguwe na Boko Haram, mu gisagara kiri ku rubibe ico gihugu gihana na Cameroun. Izo nkozi z’ikibi rero zikaba zica zikuzako abagabo, abagore, abana, cane cane abo bose badashigikiye ivyiyumviro vy’abo barwanyi.

Mukamenya ko ibihugu bitari bike yaba ivya Buraya ndetse na Reta zunze ubumwe za Amerika vyaviriye hasi izo ntagondwa zigisibije mu gihugu ca Nigeria.


Aristide Nizigire

Messages

  • ibiriko birabera muri nigeria biteye agahinda merci

  • None Nigeria ko itumviriza abo ba Islam kugirango umunyagihugu aronke agahengwe.ni bamuhamagare bamubazeivyashaka hama bumvikane !nta kidashoboka!abirabure ntibakunda abanyagihugu bashira imbere inda zabo gusa .nkabo banyagihugu bapfuye baziziki kabisa !

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.