Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Nigeria : Boko haram yasubiye kunyuruza abakenyezi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Nigeria : Boko haram yasubiye kunyuruza abakenyezi

Nigeria : Boko haram yasubiye kunyuruza abakenyezi

mardi 10 Ruheshi 2014

Abakenyezi bakiri bato bashika kuri 20 nibo bashobora kuba banyurujwe n’umuhari w’intagondwa wa boko haram mu gihugu ca Nigeria, mu Buraruko bushira Ubuseruko.

Mu gisagara ca Chibok, hafi yahanyururijwe abigeme b’abanyeshure bagera ku majana 223, niho abo bakenyezi banyururijwe, n’umuhari w’iterabwoba wa boko haram, umaze iminsi ugisibije mu gihugu ca Nigeria. Nk’uko abanyagihugu bo mu micungararo y’ahabereye ako kabi babivuga, abitwaje ibirwanisho basanzwe bari mu muhari w’iterabwoba wa boko haram, nibo banyuruje abo bakenyezi, babafatiye mu gace ka Chibok, mu micungararo ya Garkin.

Mukamenya ko uwo muhari umaze iminsi ugisibije mu gihugu ca Nigeria, aho wica ukuzako, ndetse ukanyuruza abanyagihugu, kuva ku bana gushika ku bakuze. Ibihugu bitandukanye vyo muri za Buraya ndetse na Amerika bifashanije na bimwe mu bihugu vya Afrika, bikaba biriko biragerageza kuraba uko vyokura bamwe mu bafashwe mu vyara vy’izo nkozi z’ikibi.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.