Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Nigeria : Boko Haram yagandaguye abariko barasenga - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Nigeria : Boko Haram yagandaguye abariko barasenga

Nigeria : Boko Haram yagandaguye abariko barasenga

lundi 30 Ruheshi 2014

Igisagara ca Chibok kibandanya kudumbanywa n’intagondwa zo mu muhari wa boko haram, aho kuri uyu w’Imana zateye abari mu masengero, zica abantu bagera kw’icumi.

Abantu batari mu munsi ya 10 nibo bagandaguwe n’abo bicanyi b’umuhari wa boko haram mu gihugu ca Nigeria, mu micungararo y’igiceca Chibok. Abagore, abagabo hamwe n’abana bose bakaba barajaniranijwe n’abo bicanyi. James umukuru wa Chibok avuga ko, aho bageze ubwanwa bwamaze gupfuka umunwa, kuko izo ntagondwa zigenda zirica abantu aho ziciye hose. Amenyesha ko kugeza ubu, mu duce dutandukanye twa Chibok handagaye ibiziga vy’abantu bagenda baragandagurwa n’abo bicabyi.

Ako gace ka Chibok rero kakaba kabangamiwe n’izo ntagondwa z’abarwanyi ba boko haram. Twobibutsa ko ako gace nyene ariho hanyururijwe abana b’abigeme bagera kuri 276, ariko abagera kuri 50 bakaba bamaze kuyanyaga barahunga nk’uko vyemezwa n’abajejwe intwaro.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.