Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Nigeria : Ibitaro vyakiriye ibiziga 35 vyambaye umwambaro usa - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Nigeria : Ibitaro vyakiriye ibiziga 35 vyambaye umwambaro usa

Nigeria : Ibitaro vyakiriye ibiziga 35 vyambaye umwambaro usa

lundi 28 Gitugutu 2013

Amakuru ava muri Nigeria amenyesha ko ibitaro vy’i Damaturu biri mu karere k’uburaruko bushira ubuseruko bw’igihugu ca Nigeria vyakiriye ibiziga 35 vyambaye umwambaro usa wa gisirikare kuva hatanguye ibitero hagati y’abanya islamu n’abajejwe umutekano muri ico gisagara.

"Twakiriye ibiziga vyinshi kuva hadutse ibitero ku musi wa kane. Twaharuye ibiziga 35 vyambaye umwambaro wa gisirikare." Ivyo ni ibimenyeshwa n’ikigo kimenyesha amakuru AFP, hamwe n’umwe mu barongozi b’ivyo bitaro vy’i Damaturu, umurwa mukuru wa Reta ya Yobe, n’aho atashimye kwivuga izina.

Ivyo biziga ntibiramenyekana, namba vyoba ari ivy’abarwanyi, kuko abo barwanyi b’abanyislamu ba Boko Haram haraho biyoberanya nk’abasirikare. Igisirikare ca Nigeria ni gake gitangaza abasirikare baba basize ubuzima mu bitero vy’abo banyeslamu hamwe n’abategetsi.
Umuvugizi w’igisirikare co muri Reta ya Yobe, Lazarus Eli, igihe yahamagarwa n’abo mu kinyamakuru AFP ntiyahakanye ayo makuru, aho bivugwa ko abasirikare batari bake bishwe muri iyo mirwano hagati y’abasirikare, hamwe na bamwe mu basanzwe bashigikiye Boko Haram, aho bari baturiye inzu zine z’igipolisi c’i Damaturu ku munsi wa kane.

Mwomenya ko abamaze guhitanwa n’ibitero vya Boko Haram bagera ku 3600 kuva mu mwaka w’2009, nk’uko bivugwa n’ishirahamwe Human Rights Watch. Ivyo bitigiri bishobora kuba vyariyongereye kuko muri izi ndwi zitatu ziheze habaye ibitero bitari bike.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.