Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Nigeria: Ibitero vyahitanye 25 muri Ganye - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Nigeria: Ibitero vyahitanye 25 muri Ganye

Nigeria: Ibitero vyahitanye 25 muri Ganye

samedi 23 Ntwarante 2013

Ibitero vyagabiwe icarimwe mu bibanza bitandukanye vy’umuji wa Ganye hafi y’urubibe na Cameroun.

Ivyo bitero vyagabwe ku munsi wa gatanu, ariko igitigiri vyahitanye camenyekanye kuwa gatandatu.

Nta murwi uremeza ko wagavye ivyo bitero, ariko igipolisi gitunga agatoke Boko Haram, umutwe w’intagondwa z’aba islam.

Umukuru w’igipolisi muri Leta ya Adamawa, avuga ko hamaze kumenyekana ko abapfuye ari 25, barimwo umukuru w’ibohero, umupolisi hamwe n’umunyapolitike.

Abagavye ivyo bitero bagiye barekuje igitigiri kitamenyekanye c’abanyororo.


Marie Claire Ingabire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.