Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Nigeria : Igisagara ca Gamboru Ngala casambuwe na boko haram - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Nigeria : Igisagara ca Gamboru Ngala casambuwe na boko haram

Nigeria : Igisagara ca Gamboru Ngala casambuwe na boko haram

mardi 6 Rusama 2014

Abarwanyi b’intagondwa za boko haram bateye igisagara ndetse basiga banagisambuye ku rubibe rwa Cameroun, aho abo barwanyi bahashitse bari mu muduga utamenwa n’urusasu.

Muri ico gisagara ca Gamboru Ngala kiri mu Buraruko bushira Ubuseruko bwa Nigeria, abo barwanyi bahevye baranarasa ku banyagihugu bahungiye mu gihugu ca Cameroun nk’uko ababibonye babivuga. Abo barwanyi rero bakaba baturiye isoko, ibiro vya douane, amamangazini, inyubakwa z’abaporisi, eka ndetse bakaba bishe n’abantu nk’uko bivugwa na Musa Abba umunyagihugu wo muri ako karere katewe n’abarwanyi ba boko haram.

Mwomenya ko ico gisagara ca Gamboru Ngala ubu abanyagihugu bagitaye barahungira muri Cameroun, ubu abo barwanyi akaba aribo baboneka mu mabarabara y’ico gisagara. Kuva mu myaka itanu, boko haram, imaze kwica abantu benshi cane, abandi bakaba barataye barahunga izabo.


Aristide Nizigire

Messages

  • Jewe abategetsi. Bo Muri Africa barantwenza cane!!!kuki uwo muhari wa Boko batawumviriza ngo bicare baganire !ubu baretse abantu babice bahere hanyuma babone kubahamagara ngo baganire!nukuri abanya Africa barateye isoni kuko bakorera inda zabo ntibakunda abanyagihugu.

  • Reka wawa Tharcisse afrika aho yama iburira nihamwe habonetse incabwenge zabakuru bibihugu baca bazicisha kubuhomba zitishwe nabanyafrika,bicwa nabazungu like Gaddafi Thomas Sankala.None nuwo Jonathan Wa Nigeria baramuhenda ngo baramushigikiye abazungu akacadadaza,ntagire imishikirano nabo babokoharam kandi ivyo baba basaba arukuri abazungu bagaca baha bababokohalam ibigwanisho vyo kumurasa kugira bisahurire.Afrika nimenye ko ntarukundo abazungu bayifise ko.Muzorabe,ibihugu bidafise ubutare canke bitegeranye nibihugu bifite ubutare ntibashiramwo intambara.Ariko haraho bazosubiranamwo mbo bariko babipfa Zamerika na Russie.

  • Il faut que la communaute internationale intervienne avant que les choses ne s’empirent.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.