Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Nigeria : Igisirikare cemeza ko cabonye aho ba bana banyuruzwa (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Nigeria : Igisirikare cemeza ko cabonye aho ba bana banyuruzwa (...)

Nigeria : Igisirikare cemeza ko cabonye aho ba bana banyuruzwa baherereye

mardi 27 Rusama 2014

Ba banyeshure 223 banyuruzwa mu kwezi kwa Ndamukiza n’abarwanyi ba Boko Haram boba babonywe aho baherereye, nk ‘uko vyashikirijwe n’igisirikare ca Nigeria.

Bavuga ko ari intambwe ikomeye kubona igisisrikare ca Nigeria cabonye aho babanyeshure baburwa irengero baherereye. Inkuru nziza kuri abo bana n’uko twamenye aho baherereye, ariko ntidushobora kubivuga muri uno mwanya, bivugwa n’umukuru w’igisirikare ca Nigeria Marechal Alex Badeh. Tubibutse ko, umukuru w’igihugu Goodluck Jonathan yari yarahiye akarengwa ko atagiye gutanga imbohe z’abanyislamu zifungiwe mu mabohero ya Reta, kugira abo barwanyi nabo baca babaha abo banyeshure.

Ivyo vyatumye amakungu yose ahaguruka kugira bashobore kubatora. Abatari bake baraneguye Reta ya Nigeria hamwe n’igisirikare ari naho Reta ya Nigeria, yahavuye yemera intererano y’ibihugu vya Buraya n’Amerika, kugira nabo bafashe kurondera abo bana babuzwe irengero. Igihugu ca Reta zunzubumwe za Amerika , igihugu c’ Ubufaransa hamwe n’igihugu ca Israel bakaba nabo nyene bararungitse abahinga baja gufasha mu kurondera abo bana. Eka n’Igihugu c’Ubushinwa naco nyene cari casavye ko naco cogira ico gifashije.


Floxella Karire

Messages

  • Imana ishimwe cane yesu numwami numukiza nadufashe abomwisi turagowe barundi barundikazi namwe barongozi buburundi muri kino gihe mwatew iteka ryo kugarukana umutekano mubindi bihugu niteka ridasazwe kuburundi nyakubahwa se barundi ntitugire ngorane nkizanijeriya ahubwo saba amakungu dufashe nijeriya gutuza abobagizi banabi ariko banyakubahwa nimba ibivugwa arivyo mutagize icomukora kurizi mbonerakure natwe tuza mera nka nijeriya ariko reka twizere imana yomwijuru izamukoreramwo nkurunziza ntazaduteza ingorane turamwizeye twamutumye tumwizeye imana imujimbere ntaduhemukire ok

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.