Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Nigeria : Igisirikare kimenyesha ko Umukuru wa Boko Haram yoba yasezeye (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Nigeria : Igisirikare kimenyesha ko Umukuru wa Boko Haram yoba yasezeye (...)

Nigeria : Igisirikare kimenyesha ko Umukuru wa Boko Haram yoba yasezeye isi

mardi 20 Myandagaro 2013

Igisirikare co mu gihugu ca Nigeria camenyesheje ko Abubakar Shekau, umukuru wa Boko Haram yoba yitavye Imana mu mishamirano yo kuva kuwa 25 Mukakaro gushika kuwa 03 Myandagaro hagati y’abasirikare n’abarwanyi bo muri Boko Haram.

Ayo makuru y’urupfu rwa Abubakar Shekau yatanguye kuvurwa ku munsi w’ejo kuwa 19 Myandagaro, mw’itangazo igisirikare cashize ahabona. Uwo mukuru w’umurwi w’iterabwoba Boko haram yoba yakomerekejwe n’urusasu ku genekerezo rya 30 Ruheshi, mu karere ka Sambisa, mu buraruko bushira ubuseruko, igihe abasirikare bariko batana mu mitwe n’abarwanyi ba Boko Haram.

Muri iryo tangazo ryateweko umukono na Lieutenant-colonel Sagir Musa, umuvugizi w’ingabo zidasanzwe zirwanya Boko Haram mu buraruko bushira ubuseruko, bamenyesha ko inyuma yo gukomeretswa n’urusasu, Abubakar Shehau yoba yaciye ajanwa muri Cameroun, igihugu kibanyi ca Nigeria, akaba ariho yoba yariko aravurirwa imbere y’uko asezera isi.

JPEG - 36.5 ko
Abubakar Shekau, umukuru wa Boko Haram

N’aho hari amasanamu yerekanwe aho Abubakar Shekau yariko ahakana amakuru avuga ko yitavye Imana, mu gisirikare ca Nigeria bamenyesha ko ayo masanamu atariyo kuko batashizeko igenekerezo bayafatiyeko. Général Chris Olukolade, umuvugizi w’igisirikare ca Nigeria amenyesha ko bariko barakorana n’abasirikare bari ku rubuga kugira baronke amakuru atomoye kandi yo kwizerwa yemeza urwo rupfu rw’umukuru wa Boko Haram.

JPEG - 49.2 ko
Général Chris Olukolade, umuvugizi w’igisirikare ca Nigeria

Ku myaka 44, Abubakar Shekau yari yarigeze kuvugwa ko yapfuye mu mwaka w’2009 mu mishamirano n’igipolisi, ariko aca asubira kuboneka ku masanamu ari muzima. Mwokwibuka ko mu kwezi kwa Ntwarante, Leta zunze ubumwe z’Amerika zatanze agashirukabute k’imiliyoni indwi z’amadolare ku muntu wese yofatisha Abubakar Shekau.

Ivyegeranyo bitangwa n’ishirahamwe Human Right Watch bimenyesha ko kuva mu mwaka w’2009, abantu baharurwa mu bihumbi bitatu n’amajana atandatu aribo bamaze kurwa mu bitero vya Boko Haram.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.