Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Nigeria : Igitero cahitanye abarenga 50 kw’isoko - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Nigeria : Igitero cahitanye abarenga 50 kw’isoko

Nigeria : Igitero cahitanye abarenga 50 kw’isoko

mercredi 29 Nzero 2014

Mu gitero cagirizwa aba isiramu bo mu murwi Boko Haram cabereye kw’isoko yo mu buraruko bushira uburengero bw’igihugu ca Nigeria, mu matohozwa ariko arakorwa yerekana ko igitigiri c’abitavye Imana kiguma ciyongera gushika ubu kirenga abantu mirongo itanu.

Nk’uko vyamenyeshejwe n’umukuru w’igiporisi ca Reta ya Nigeriya, Lawan Tanko gushika ubu, abahitanywe n’ico gitero bamaze guharurwa mu bageze kuri 52 inyuma y’umunsi umwe gusa batangaje ko hitavye Imana abagera kuri 45.
Umukuru w’igiporisi w’i Kawuri, agace kigaruriwe n’aba isiramu, ahabereye ico gitero, ku birometero 37 uja mu gisagara ca Borno, avuga ko igitigiri c’abitavye Imana kigera kuri 85 n’aho bitaremezwa na Reta ya Nigeriya.

Uwo mukuru w’igiporisi akaba yemeza ko igitigiri c’abahasize ubuzima gishobora kuguma congerekana, ivyo akabivuga yihweje ubwinshi bw’abahakomerekeye. Ubu ibitaro bikaba vyuzuye abahiye begera kuri 26.

Imbere y’uko ico gitero cabereye kw’isoko y’i Kawuri kiba, uwo murwi wa Boko Haram waragirijwe n’ikindi gitero cabereye mu gisagara ca Adamawa, aho abantu bagera kuri 26 aribo bahasize ubuzima, n’ibindi bitero kandi vyagiye biraba bigahitana abarenga 10, hamwe n’ibintu vyahononekariye.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.