Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Nigeria: Igitero mu rusengero cahitanye abashika batanu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Nigeria: Igitero mu rusengero cahitanye abashika batanu

Nigeria: Igitero mu rusengero cahitanye abashika batanu

lundi 6 Mukakaro 2015

Umwiyahuzi yiturikirejeko igisasu muri Nijeriya,mu gisagara ca Potiskum muri Reta ya Yobe,abantu badhika batanu baritaba Imana mu rusengero rw’abapentekoti.

Umwe mu bari aho mu rusengero igihe vyaba,yavuze ko,umukenyezi yaje yigize umukirisu,aca yiturikirizako igisasu mu gihe,urwo rusengero rwari rwuzuye.

Yavuze ko mu bahitanywe n’ubwo bwicanyi harimwo umupasitori,hamwe n’uwundi mugora ari kumwe n’abana biwe babiri.

Ico gitero gikurikiye ibindi bitero vyagirizwa umurwi Boko Haram umaze iminsi ukora ibitero muri ico gihugu.

Abantu bashika 200 baramaze gupfa bahitanywe n’ibitero vy’uwo murwi mu minsi itarenga indwi zibiri.

Umukuru w’igihugu mushasha wa Nijeriya Muhammadu Buhari, yiyemeje kurwanya uwo murwi Boko Haram.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.