Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Nigeria: Imigambwe itavuga rumwe na Leta yagize urunani - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Nigeria: Imigambwe itavuga rumwe na Leta yagize urunani

Nigeria: Imigambwe itavuga rumwe na Leta yagize urunani

dimanche 12 Rusama 2013

Imigambwe mikuru muyitavuga rumwe na Leta ya Nigeria yagize urunani kugira izotsinde umugamwe uri ku butegetsi wa Goodluck Jonathan mu matora yo mu mwaka w’2015.

Imigambwe ibiri, CPC na ANPP yamenyesheje iyo ngingo mu nama zayo zidasanzwe zabaye ejo ku musi wa gatandatu igenekerezo rya 11 Rusama 2013.

Uwundi mugambwe, ACN, wamaze kumenyesha ko nawo nyene uzokwiyunga n’urwo runani.

Hasigaye ko umugwi ujejwe gutegura amatora wemeza urwo runani ukarwandika, gutyo rukabona gutangura gukora ku mugaragaro.

Umugambwe uri ku butegetsi PDP, umaze gutsinda amatora yose y’umukuru w’igihugu kuva aho intwaro muri Nigeria isubiriye mu minwe y’aba civile mu mwaka w’1999.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.