Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Nigeria : Imitwe mishasha yogukura abana mu minwe y’ibimwenyi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Nigeria : Imitwe mishasha yogukura abana mu minwe y’ibimwenyi

Nigeria : Imitwe mishasha yogukura abana mu minwe y’ibimwenyi

mardi 13 Rusama 2014

Abarwanyi b’intagondwa za Boko Haram mu gihugu ca Nigeria, bakuriwe inkoni ku gishitsi n’umushikiranganji w’intwaro hagati mu gihugu, ko batariko bararonswa abapfungwa babo kugira nabo batange abanyeshure bafashen mpiri.

Abba Moro umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu muri Nigeria, akavuga ko atari abo barwanyi b’intagondwa baja gutegeko Reta ico itegerezwa gukora. Amenyesha ko abo banyeshure bagera kuri 223 hagiye gukorwa ubundi buhinga bukomeye kugira abo bana bafashwe mpiri basubire mu miryango yabo. Mukamenya ko amasanamu y’abigeme bagera kw’130 yabonetse yerekanywe na Shekau. Abo barwanyi bakavuga ko batazorekura abo bana, nabo batarekuriwe abavukanyi babo bapfunzwe na Reta.

Muri abo bigeme, abari aba Kristu bakaba baciye bashirwa mw’idini rya Islam. Ubu bose bakaba bambaye bitwikiriye mu mutwe. Ariko hakaba hari amakuru avugwa ko hari bamwe mu bahinga bo mu gihugu ca Reta zunzubumwe z’Amerika boba bariko bararaba uko bokura abo bana mu vyara vy’abo barwanyi.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.