Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Nigeria : Inganda zatikiye mu karere ka Mubi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Nigeria : Inganda zatikiye mu karere ka Mubi

Nigeria : Inganda zatikiye mu karere ka Mubi

lundi 2 Ruheshi 2014

Ibombe yatewe mu kibuga c’indege co mu Buraruko bushira Ubuseruko bw’igihugu ca Nigeria, yahitanye abanyagihugu bagera kuri 40 nk’uko vyemezwa n’umwe mu bakuru b’igiporisi bo muri ako karere.

Abarwanyi b’abicanyi bo mu murwi wa Boko Haram akaba ariwo wagirizwa kuba wikoze iryo bara, na cane cane ko kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 1 Ruheshi uyu mwaka abo barwanyi bari bateye agace ka Mubi, aho imiduga yaturiwe. Umuganga waho i Mubi, akavuga ko igitigiri c’abantu bagera kuri 40 bapfuye. Muri bo, akavuga ko abakinyi barimwo, ariko kandi abarorerezi nabo, bapfiriye kuri ico kibuga.

Ku bwa Muhammad Hassan umwe mubarokotse, avuga ko iyo bombe yaturitse igihe abanyagihugu bariko barigina intsinzi y’umwe mu mirwi yariko irakina, baca hagati mu kibuga batamba, ico gisasu naco gica kibaturikiramwo hagati, inganda ziratira. Ako gace ka Mubi rero, kakaba kari mu tundi duce tugenderwa n’ingenzi buhoro kubera abo barwanyi ba Boko haram.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.