Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Nigeria: Ishavu riraniga mu miryango y’abanyeshure banyurujwe na Boko (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Nigeria: Ishavu riraniga mu miryango y’abanyeshure banyurujwe na Boko (...)

Nigeria: Ishavu riraniga mu miryango y’abanyeshure banyurujwe na Boko Haram

mercredi 30 Ndamukiza 2014

Abavyeyi b’abanyeshure b’abigeme banyurujwe n’umurwi w’abislamu Boko Haram mu
buraruko bushira ubuseruko bwa Nigeria babona ko inzego zarengewe n’ikibazo cabo kuko kugeza ubu ata kinini zirashikako.

Inyuruzwa ry’abigeme baharurwa hagati y’100 na 200 bari hagati y’imyaka 12 na 17 mu Reta ya Borno, ni kimwe mu bitero vyakozeko abantu batari bake mu bitero vyose vya Boko Haram bimaze guhitana abantu ibihumbi n’ibihumbi. Imiryango y’abo bigeme gushika ubu bataramenya irengero ryabo, irahagaritse imitima; mu gihe hari inkuru zivuga ko abo banyeshure b’abigeme boba baratwawe mu bihugu bihana imbibe na Nigeria aho boba bubatse ku nguvu (mariage forcé). Izindi nkuru ziva ku mbibe ico gihugu gihana na Cameroun, zemeza ko abo bigeme boba baratwawe kwabirwa n’abanywanyi ba Boko Haram bo mu bihugu vya Tchad na Cameroun ku mafranga 10 y’amanyaburaya (ayagera k’18000 y’amarundi).

Abajejwe umutekano bakaba bataremeza izo nkuru, ariko bakamenyesha ko bishoboka ko aba bigeme boba bakoreshwa bakongera banashurashuzwa ku nguvu. Amatohoza yaratanguye gukorwa n’iyo miryango kuko itakicizeyo inzego z’umutekano. Kur’uyu wa kabiri, hakaba harabaye abakenyezi bashika kuri 10 bambaye impuzu zirabura bagize imyiyerekano imbere y’inama nshingamateka yo muri Reta ya Borno, basaba ko umukuru w’igihugu yogira ico akoze kugira abo bigeme barekurwe.

Inama nkenguzamateka yaratumiriye Reta ya Nigeria ko yosaba ibindi bihugu n’urwego rushinzwe umutekano muri ONU kugira amatohoza akorwe ku kaga gaterwa na Boko Haram.


Isabelle Simbarakiye

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.