Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Nigeria: Stephen Keshi, atandukanye n’abandi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Nigeria: Stephen Keshi, atandukanye n’abandi

Nigeria: Stephen Keshi, atandukanye n’abandi

lundi 25 Ruhuhuma 2013

Stephen Keshi, umumenyereza w’umugwi nserukira gihugu wa Nigeria Super Eagles, akaba ari nawo wa mbere muri Afrika kuva kuwa 10 Ruhuhuma, ntakekeranya ko vyoba vyiza imigwi yo muri Afrika, igiye iramenyerezwa n’abanya Afrika ubwabo. Ivyo yabitangaje inyuma y’aho ashakiye gutanga imihoho agiheza gutwara igikombe, aho umugwi wiwe wari watsinze mu rukino rwanyuma Burkinafaso(1-0).

Iyo ngingo yo gutanga imihoho yayihevye abisabwe n’umushikiranganji w’inkino wo muri ico gihugu ca Nigeria ."Navyihweje nsanga nkwiye kubandanya amanga yanje" Iyo niyo nsiguro atanga. Haraheze imyaka mirongo itanu n’umwe, Stephen Keshi yavukiye mu gisagara ca Lagos (Nigeria) yarakoze birashimwa mu rukino rw’umupira w’amaguru, mu bihugu nka Cote d’Ivoire, Ububiligi, Ubufaransa, Leta zunze ubumwe za Amerika na Maleziya nk’umukinyi, Togo na Mali nk’umumenyereza.

JPEG - 10.5 ko

Kuva akigenwa kumenyereza uwo mugwi muri Munyonyo 2011, Big Boss, ari nako kazina k’ubuhizi Stephen yahawe aho yari umwe mu bakinyi b’ibihangange muri Nigeria, yaramenyekanye cane ahantu henshi no mu binyamakuru bitandukanye. "Iyo umugwi utsinzwe, umumenyereza ni we ahagwa" Uko niko yabwiye ikinyamakuru kimwe co mu Bufaransa kuwa 5 Ruhuhuma. Kuba atahamagaye ibihangange nka Taye Taiwo na Peter Odemingie mu mugwi nserukira gihugu, vyaratumye abamugwanya bavuga amajambo menshi adahumuriza.

Inyuma y’umunya Misiri Mahmoud el-Gohhary, Stephen Keshi abaye umunya Afrika wa kabiri, yatwaye igikombe ca CAN nk’umukinyi (muri 1994) akongera kugitwara nk’umumenyereza (mu 2013)

Umumenyereza wa Super Eagles, ntatinya na gato gucisha ubutumwa mu binyamakuru. Muri Nzero 2012, yari yabwiye ikinyamakuru L’Equipe Magazine ko, abamenyereza bo mu za Bulaya baza kubatwara akazi. Aho yari yashatse kuvuga Manuel Amoros na Didier Six atemera na gato mu mwuga wo kumenyereza, bahawe imigwi ya Benin na Togo


Mugisha Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.