Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Nigeria : Ubutegetsi bwataye ishavu ku bimenyeshamakuru - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Nigeria : Ubutegetsi bwataye ishavu ku bimenyeshamakuru

Nigeria : Ubutegetsi bwataye ishavu ku bimenyeshamakuru

jeudi 19 Ruheshi 2014

Mu gihugu ca Nigeria, ubutegetsi busa n’ubwananiwe kugarukana amahoro, n’umutekano w’abanyuruzwa na Boko Haram. Ubwo butegetsi buriko buta ishavu ku bimenyeshamakuru, buvyagiriza kuba bushikiriza inkuru n’ibiganiro bicanishamwo.

Muri ino ndwi, ikigo NBC (Nigerian Broadcasting Commission), igisata kijejwe gucungera amasanamu n’ibishikirizwa (audiovisuel) basavye imboneshakure zose hamwe n’insamirizi zo muri Nigeria ko n’imiburiburi zoza zirashikiriza ico kigo urutonde rw’ibiganiro bijanye na poritike bicaho ikibiriraho kuri ivyo binyamakuru bidasanzwe biri mu rutonde bw’ikirangaminsi c’amezi atatu.

Mw’itangazo ikigo NBC casohoye bamenyesha ko iyo ngingo yafashwe mu ntumbero yo gucungera ibintu bimaze iminsi vyibonekeza, aho amakuru akorwa badakurikije akarangamutima k’umwuga, harimwo amajambo yo gutyozanya, canke acanishamwo ababa bariko barumviriza ivyo biganiro.

Ariko rero, tubamenyeshe ko iryo tangazo ryatumye abamenyeshamakuru bagira ico barivuzeko. Abo bamenyeshamakuru bavuga ko umukuru w’igihugu hamwe n’intwaro bananiwe gukora ibishoboka vyose kugira bahagarike intureka zimaze imyaka itanu zahitana ibihumbi n’ibihumbi vy’abanyagihugu, ubu bakaba bariko barondera uwo batako ishavu.

Abo bamenyeshamakuru basavye Reta gukora ibishoboka vyose igahagarika iyo ngingo y’ugutanga urutonde rw’ibiganiro bijanye na poritike bicaho ikibiriraho kuri ivyo binyamakuru, kuko bavuga ko isubiza inyuma intwaro rusangi n’ubwigenge bwo kumenyesha amakuru muri ico gihugu.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.