Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Nigeria : Umuhari Boko Haram wasubiye kwiha inkumbi mu Buraruko (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Nigeria : Umuhari Boko Haram wasubiye kwiha inkumbi mu Buraruko (...)

Nigeria : Umuhari Boko Haram wasubiye kwiha inkumbi mu Buraruko bw’igihugu

jeudi 5 Ruheshi 2014

Umurwi w’intagondwa z’abisiramu ba Boko Haram basubiye gutera mu duce two mu Buraruko bushira Ubuseruko bw’igihugu ca Nigeria, abantu bashika cumi akaba aribo bapfuye hamwe n’amazu arenga ijana yabomowe.

Nta kintu na kimwe kiriko kirerekana ko umurwi wa Boko Haram woba ugomba guhagarika indwano. Ku munsi wa kabiri igenekerezo rya 4 Ruheshi ,uwo murwi w’intagondwa wambaye n’impuzu z’igisoda bateye udusagara nka Goshe, Attagara , Agapalwa , Aganjara hamwe na reta ya Borno.

Abo bagizi ba nabi barakoze ibitero bitari bike mu bisagara bitandukanye aho bishe abantu atari bake, hamwe n’amazu yabomowe nk’uko umushingamateka Peter Biye, asanzwe aserukira ako karere abimenyesha. Ibiharuro vy’abapfuye vyose hamwe ntibiramenyekana kuko bakiriko baraharura abahitanywe n’ubwo bugizi bwa nabi.


Floxella Karire

Messages

  • muze mugerageza kwandika inkuru mutabogama canke mushavuza bamwe nkakarorero ngo intagondwa zabislam mbe ko nkubu hanugwanugwa ko ari umugwi w’abakristu wiyambitse ubwislam kugira ubucafuze vyo mwoba muriko murabishakashaka?

  • Mbere yo kuvuga Boko haramu. Mwahereye iwacu murwanda ko abadutegeka (kagame n’agatsiko ke ) barushaubugome Boko Haramu!!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.