Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Nigeria : Umukuru w’igihugu yatabaje amakungu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Nigeria : Umukuru w’igihugu yatabaje amakungu

Nigeria : Umukuru w’igihugu yatabaje amakungu

lundi 5 Rusama 2014

Inyuma yaho abakenyezi bo mu gihugu ca Nigeria bagiriye imyiyerekano basaba ko abana b’abigeme bafashwe n’abarwanyi bo muri boko haram borekurwa, umukuru w’ico gihugu yatabaje amakungu.

Umukuru w’igihugu ca Nigeriya Goodluck Jonathan akaba yasavye Reta zunzubumwe z’Amerika gukora ibishoboka vyose, zikaja kubafasha gutuza izo ntagondwa zihurikiye mw’idini rya Islam, zica zikuzako abanyagihugu. Avuga ko bakeneye n’imfashanyo y’ibindi bihugu bibanyi canke vya Buraya, kugira bize kubafasha, mu gihe aba boko haram barembeje abanyagihugu b’inzirakarengane.

Bimwe mu bihugu nk’Ubufaransa, Ubwongereza, Ubushinwa, Cameroun, Tchad, Niger na Benin vyoba bimaze gusabwa na Reta ya Nigeriya ko bobafasha mu kubakurako izo nkozi z’ikibi. Umukuru w’ico gihugu rero, akaba yagaragaje agashavu, kuva aho abigeme bagera kuri 223 banyururijwe n’abo barwanyi bakuwe ku mashure, aho bivugwa ko boba ndetse bagiye gukorerwa ibikorwa bigayitse vy’ugushurashuzwa ku nguvu


Aristide Nizigire

Messages

  • UWUTABAJE SI MUBI AMAKUNGU NAHAGURUKE AMUKUREKO ABO BAGOTORANYI UMENGO BARAROZWE. NONE NGO BIPFUZA IKI KO BAKURA KU MASHURE ABANA BAKAJA KUBAKORERA AMARORERWA? AHUBWO IYO BIBA VYASHOBOKA NAJE NOGIYE KUBATABARA NUKO NTOKWIJANA LETA ITANDUTSE. EREGA N’AKAMENYO NONEHO!

  • jewe ntangazwa nubutegetsi bwomuri bino bihe,gusaba amakungu yuko yobaha abasirikare siwo muti wintambara,ahubwo bokwicara hamwe bagakemura ikibazo nimba urubwo butegetsi bapfa bagaburamwo kabiri bose bakanganya hamwe nigisikare bakavanga nabo bagwana niwo muti wintambara kutabaza amakungu sico kibazo....

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.