Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Nigeria : Umukuru w’igihugu ntiyagishijwe inama ku vyerekeye kwigiza inyuma (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Nigeria : Umukuru w’igihugu ntiyagishijwe inama ku vyerekeye kwigiza inyuma (...)

Nigeria : Umukuru w’igihugu ntiyagishijwe inama ku vyerekeye kwigiza inyuma amatora

jeudi 12 Ruhuhuma 2015, par IGIHE

Umukuru w’igihugu ca Nigeria Goodluck Jonathan avuga ko atigeze agishwa inama imberre y’uko ikiringo c’amatora y’umukuru w’igihugu n’inama nshingamateka cigizwa inyuma.

Goodluck Jonathan, umukuru w'igihugu ca Nigeria

Ntabwo bigeze barinda kumbaza kandi n’ubu ntabwo nkeneye ko barinda kubincishako, Goodluck Jonathan akaba yavyishuye mu kiganiro c’ikibiraho yagiranye n’abanditsi n’abamenyeshamakuru.

Uwo mukuru w’igihugu amenyesha ko ari abajejwe gutunganya amatora bafashe iyo ngingo bavyumvikanyeko n’abajejwe umutekano. Abo nabo bari bafise umutima uhagaze bitumwe n’imigumuko yariko iba mu Buraruko bushira Ubuseruko bw’ico gihugu. Muri ico gihugu, abenshi bakaba batinya ko umutekano muke ushobora kwitazwa mu ntumbero yo kwigizayo kugira bikunde uwo mukuru w’igihugu abandanye atwara.

Tubamenyeshe ko amatora yarategekanijwe mu ndwi iza yashizwe kuwa 28 Ntwarante. Umukuru w’igihugu ca Nigeria akaba yizera ko umutekano uzoba wateye imbere mu ndwi ziza kugira bize bikunde amatora ashobore kuba.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.