Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Nigeria : Umwikeko wuko abana banyurujwa na Boko Haram batakiriho (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Nigeria : Umwikeko wuko abana banyurujwa na Boko Haram batakiriho (...)

Nigeria : Umwikeko wuko abana banyurujwa na Boko Haram batakiriho urarwiriye

samedi 14 Ruheshi 2014

Ikibazo c’ababanyeshure amajana abiri banyuruzwa na Boko Haram haraheze amezi abiri, gisa n’icananiye Reta. Ubu bwamwe bibaza ko abo bana banyurujwe boba baragandaguwe.

Reta ya Nigeria isa niyananiwe kugarukana ba banyeshure banyuruzwa na Boko Haram ,hagati aho ibitero biguma vyongerekana mu bice bitandukanye vy’igihugu aho abashika 2000 bamaze kwitaba Imana guhera mu ntango z’uyu mwaka.

Muri kino gihe ntazindi nkuru zivugwa mu binyamakuru atari abo barwanyi ba Boko Haram. Umwe mu barongoye ishirahamwe ry’abafise ibinyamakuru agira ati "ubwa mbere hariho icizere ko ba banyeshure boba bakiriho ariko ubu icizere gisa n’icaheze kuko Reta n’amakungu asa nayananiwe, nta makuru namwe yerekana ko hoba hari n’ibiganiro vyoba biriko biraba kugira abo bana bagaruke".

Mu ndwi iheze naho abanyagihugu barenga ijana barasize ubuzima mu gitero cakozwe n’abarwanyi ba Boko Haram mu turere twa Gwoza ,muri reta ya Borno (mu buraruko bushira ubuseruko ), abakenyezi bashika 20 nibo banyurujwe n’uwo murwi w’abarwanyi hafi y’igisagara aho abo banyeshure bari banyururijwe n’uwo murwi nyene.

Ico gihe, abanyanigeriya nabo mu karere ko mu bumanuko abenshi ari abakristo, naho badasanzwe barakozweko cane n’intambara ntibanyegeza ukwinuba reta ntibakiyizeye kandi amatora yo mwaka w’2015 yegereje .

Abanyanigeriya ubu rero bafise ubwoba bwo kubona ko umwanya uwari wo wose ko ivyabaye mu mwaka w’1962 -1965 bishobora gushika, kuko ibihe barimwo nisa n’ivyo aho igisirikare catembagaje ubutegetsi ku wa 15 nzero umwaka wa 1966.


KARIRE Floxella

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.