Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Nigeria yaronse amahirwe yo kuzoja mw’ihiganwa ry’igikombe c’isi (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Nigeria yaronse amahirwe yo kuzoja mw’ihiganwa ry’igikombe c’isi (...)

Nigeria yaronse amahirwe yo kuzoja mw’ihiganwa ry’igikombe c’isi yose

dimanche 17 Munyonyo 2013

Nigeria yabaye igihugu ca mbere co muri Afrika, inyuma ya Cote d’Ivoire, catsindiye kuzoja mu nkino za nyuma zo guhiganirwa igikombe c’isi yose mu mupira w’amaguru kizabera muri Brezil mu mwaka uza.

Mu rukino rwariko ruberaga i Calabar muri Nigeria, umurwi nserukiragihugu wa Nigeriya "Super Eagles" watsinze Ethiopia ibitsindo 2 ku busa, mu rukino rwo gusubira.
Urukino rwatanguye, Nigeria yari yatsinze ibitsindo bibiri ku busa bwa Ethiopia, vyose hamwe bikaba vyaciye bikwiza ibitsindo 4 ku busa.

Nigeria ikurikiye Cote d’Ivoire imaze kunganya na Senegal igitsindo 1 ku kindi, ariko Cote d’Ivoire ica ironka uburenganziza bwo kubandanya kuko yari yatsinze ibitsindo 3 kuri kimwe mu rukino rwa mbere.
Kuri uwu w’Imana niho bitegekanijwe ko Cameroon ihava ikina na Tunisia, naho kuwa kabiri Misiri ikine na Ghana mu gihe Algeria izohangana na Burkina Faso.

Ku mirwi nserukira bihugu 32 yitezwe mw’ihiganwa ry’igikombe c’isi yose kizobera muri Brezil, 23 iramaze kumenyekana ku migabane yose, yaba uburaya, afrika na asiya, nayo niyi ikurikira : Pays-Bas, Italie, Belgique, Suisse, Allemagne, Espagne, Angleterre, Russie, Bosnie, Japon, Australie, Iran, Corée du Sud, Brésil, Argentine, Colombie, Chili, Equateur, États-Unis, Costa Rica, Honduras.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.