Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Nigeriya : Abantu barenga ijana bagandaguwe bunyamaswa - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Nigeriya : Abantu barenga ijana bagandaguwe bunyamaswa

Nigeriya : Abantu barenga ijana bagandaguwe bunyamaswa

lundi 17 Ntwarante 2014

Abateye mu gisagara kiri mu Bumanuko bw’igihugu ca Nigeriya bakica abantu bagera kw’ijana, n’ubu ntibaramenyekana, ariko abanyagihugu bo muri ico gihugu, bakikeka abari mw’idini rya Islam b’intagondwa, kuba aribo bishe iryo sinzi ry’abantu.

Abo bicanyi bakaba bateye abanyagihugu bitwaje amahiri n’ibipanga, ku va mw’ijoro rya 14 Ntwarante, kugeza ku wa 15, eka n’uwa 16 abanyagihugu bakaba bari bagifise ubwoba. Muri ivyo bitero, abantu bashika kw’100 bakaba baciye bitaba Imana, mu gisagara kiri mu Bumanuko bw’igihugu ca Nigeriya aho bita i Kaduna. Ico gitero muri ico gisagara kikaba gikomeye cane, kuko ica haheruka, cabaye mu mwaka w’2011, mu gihe hari hegereje amatora muri ico gihugu, ari naho hapfuye abantu batagira igitigiri, abandi barakomereka.

Abagizi banabi barenga kuri 40, bakaba bateye ibigwati vya Angwan Gata, Chenshyi, Angwan, Sankwai mu ntara ya Kaura, ari naho batikije inganda. Nk’uko bimenyeshwa na Yakubu Bitiyong umushingamateka yatowe i Kaduna, avuga ko abo bicanyi batagira umutima runtu, bugururiye umucanwa mu banyagihugu mw’ijoro hagati, batagira iyo baja, barabica babarashe, abandi nabo, bakaba babaca imitwe bakoresheje imipanga n’amashoka.


Aristide Nizigire

Messages

  • Abo bicanyi IMANA yarikwiye kutazobabarira kuko abo bicanyi ngira yavyawe na ma devils abantu dukwiye kuraba neza ko hatobahariho abantu bavyawe nama devils nacane cane arya mamaraya agendi joro agahura nayo abo bavyaye abarama devils niyo yokora ubwicanyi nkubwo.

  • imana izobahe ibiruhuko bidashira. natwewe niyo tugana. gusa, intagondwa za islam zimenyeko, mumahame yabo yidini I mana itemera ubugizi bwanabi. nabo imana izobibabaza.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.