Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Nigeriya : Abanyeshure 29 baragandaguwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Nigeriya : Abanyeshure 29 baragandaguwe

Nigeriya : Abanyeshure 29 baragandaguwe

samedi 6 Mukakaro 2013

Mu gihugu ca Nigeriya, abanyeshure 29 bishwe mu gitero muri Yobe. Abantu bari aho iryo bara ryabereye bakaba bamenyesha ko abo banyeshure baguye muri ico gitero cakozwe muri Leta ya Yobe, mu gisagara ca mamudo baturiwe babona.

Yobe ni imwe muri leta zitatu umukuru w’igihugu Goodluck Jonathan yashinzemwo amategeko akomeye y’umukwabu mu kwezi kwa gatanu, aho yarungitse ingabo ibihumbi gucungerayo umutekano.

Naho hafashwe izo ngingo z’umutekano, amakuru dukesha Associated Press avuga ko muri Yoba habereye akajagari kadasanzwe ku bitaro vya Potiskum biri ahabereye ico gitero, aho abavyeyi bari bahahamutse bagerageza kumenya abana babo mu biziga vyahiye canke vy’abarashwe.

Abarokotse ico gitero bavuga ko abaje gutera bazanye ibitoro bakoresheje mu guturira iryo shure.
Bamwe muri abo banyeshure bakaba baturiwe abandi bararaswa bariko bagerageza guhunga, ako karere kakaba kari kamaze guterwa kenshi n’umutwe wa Boko Haram.

Ubu rero bikaba vyikekwa ko abo banyeshure boba kandi bagandaguwe na Boko Haram.

Uwo murwi ukaba urwanira gusenya Leta no kwimika intwaro igendera ku mategeko ya ki islam ashigikiwe cane cane n’abo mu buraruko bw’igihugu.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.