Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Nijeriya:Igisirikare cabohoje abakobwa n’abagore bababa 300 - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Nijeriya:Igisirikare cabohoje abakobwa n’abagore bababa 300

Nijeriya:Igisirikare cabohoje abakobwa n’abagore bababa 300

mercredi 29 Ndamukiza 2015

Igisirikare ca Nijeriya cabohoje abakobwa 200 hamwe n’abagore 93 bari bafashwe n’intagondwa z’abaislamu bari mu murwi wa Boko Haram,mu buraruko bushira ubuseruko bw’ico gihugu.

Mw’itangazo umuvugizi w’igisirikare ca Nijeriya yashize ahabona kuwa kabiri igenekerezo rya 28 ndamukiza Chris Olukolade yamenyesheje ko ku muhingamo wo kuri uno wa kabiri,abasirikare b’igihugu bafashe bongera barasambura amakambi atatu y’abari mu mirwi y’iterabwoba,mw’ishamba rya Sambisa,ahavugwa ko haba abagize umurwi wa Biko Haram.

Umuvugizi w’igisirikare ca Nijeriya ntiyemeje ko abo babohoje bari mu bigeme banyurujwe n’umurwi Boko Haram kw’ishuri ryisumbuye rya Chibok.
Chris Olukolade avugira igisirikare ca Nijeriya yavuze ko bakiriko baratohoza ngo bamenye neza imyidondoro y’ababohojwe,ariko ntiyamenyesheje iminsi ico gikorwa co kuraba imyidondoro kizoherera.

Umwaka uraheze abanyeshuri b’abakobwa 276, banyurujwe n’umurwi wa Boko Haram mu buraro bw’ishuri rya Chibok,ariko rero nta nkuru nimwe ivuga uko ubuzima bw’abanyeshuri 219 banyurujwe bwifashe.

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.