Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Niwitwararika iherezo ryawe uzorushiriza gukora neza - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Niwitwararika iherezo ryawe uzorushiriza gukora neza

Niwitwararika iherezo ryawe uzorushiriza gukora neza

vendredi 18 Nzero 2013

Burya kuba umuntu yomenya ko inyuma y’ubu buzima bwa hano kuri iyi si hariho ubundi buzima. Ivyo rero vyotuma arushiriza gukora neza kugira ngo ategure neza iherezo ryiwe kugirango azosige inkuru nziza mugihe azoba atakiriho.

Hari ikintu nabonye kirambabaza ndetse kikantera agahinda ,ni ukubona umuntu avuka agakura akagira ubwenge, akagira ubutunzi bwinshi mbere akaba umutunzi bihagije, akiga akaminuza akitwa umunyacubahiro akaba umuntu rurangiranwa.Hageze ko apfa agasiga vyose ntihagire na kimwe bamuhambana bigasigara biraribwa n’abatabiruhiye.

Hamwe hamwe usanga umuntu ico ashize imbere ari ugutegura imigambi yiwe umwe ati jewe nzokwiga amashure menshi hanyuma ninaheza nje mumahanga maze nkore vyinshi nitwe umuntu akomeye, mbe harya igiherukira ibindi ni iki? si urupfu? Ko atawe ndumva avuga ati: “ imigambi yanje ndahejeje canke nkiriko ndayikora ndashobora gupfa ngo ivyo bimutere gutegura neza aho azoba inyuma y’urupfu rwiwe.

Jewe nabonye iyo umenye kwitegurira iherezo ryawe bituma urushirizaho gukora neza kugirango uzosige inkuru nziza ntube nka wawundi babona yitavye Imana bagasigara baravuga bati sitwe tubonye turamukize.

Hari nabo usanga bavuga bati ubwo inyuma y’ubu buzima hariho ubundi budahera? Burya naho butoba buhari kuba warakoze neza ukiri m’ubuzima iyo upfuye ingaruka zavyo ziba kubawe arico gituma bavuga bati ineza irateba ariko ntihera.

Mugenzi wanje nawe menya ko uzapfa maze utegure neza aho uzoba inyuma y’ubu buzima kuko burya naho watunga ugahezagirwa ndetse ukaba rurangiranwa hano kuri iyi si ariko ntiwiteho kw’iherezo rvawe burva ivyo vyose ntakamaro.


Joel Sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.