IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Kinama : Igitigiri c’abakobwa baja mw’ishure cariyongereye

Kinama : Igitigiri c’abakobwa baja mw’ishure cariyongereye

vendredi 14 Ntwarante 2014

Nk’uko vyemezwa na bamwe mu bayobozi b’amashure y’intango n’ayisumbuye muri komine ya Kinama mu Gisagara ca Bujumbura, muri iyi myaka iheze, igitigiri c’abigeme biga cariyongereye mu mashure.

Calixte Mugisha, umuyobozi w’ishure rya Gasenyi ya 3 mu gisagara ca Bujumbura avuga ko abanyeshure biyandikishije kw’ishure arongoye muri mwaka w’2012 ushira uw’2013, abigeme bari 1456 ku bahungu1499, mu gihe muri uwu mwaka w’ishure w’2013 ushira uw’2014, abigeme aribo benshi mu mashure ugereranije n’abahungu. Ivyo rero bigaturuka ku kigoro ka Reta ko kureka abana bakiga ku buntu mu mashure matomato. Iyo ngingo rero, nk’uko Calixte Mugisha abivuga, yatumye abana biga ku bwinshi, na cane cane abana b’abigeme bahora bagumizwa muhira kugira bakore udukorwa two mu nzu gusa.

Ariko rero, n’aho biri ukwo, abaheba amashure bo bakaba bacibonekeza, ivyo bikava ahanini ku nda z’ishushu, ukuja kwubaka bakiri bato, hamwe n’abavyeyi baba bimutse bava mu mihingo imwe baja mu yindi, ivyo navyo bikaba biba bivana n’imvo zitandukanye zo mu muryango, nk’ubukene, hamwe n’ukuja kuronderera ubuzima ahandi ku miryango.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.