IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Nkosazana Zuma: Gutegura amatora mu Burundi kino gihe ni uguta (...)

Nkosazana Zuma: Gutegura amatora mu Burundi kino gihe ni uguta umwanya

jeudi 7 Rusama 2015

Ubumwe bwa Afrika (Union Africaine) butera akamo Uburundi guhindura ikirangaminsi c’amatora, kubera ibihe Uburundi burimwo, biterekana ibihe vyiza vyotuma haba amatora.

JPEG - 131.6 ko
Nkosazana Dlamini Zuma arongoye "Union Africaine"

Ku mboneshakure CCTV y’i Addis Abbeba muri Etiyopia, Nkosazana Dlamini Zuma arongoye Ubumwe bw’Afrika yagiranye ikiganiro n’umumenyeshamakuru Girum Chala. Dlamini Zuma avuga ko, aravye ingorane zatewe na Petero Nkurunziza aho ashaka kwitoza mu kiringo ca gatatu, amatora adashobora kuba. Avuga kandi Petero Nkurunziza yakoze ibidakorwa.

Girum Chala yamubajije ati:" Ubumwe bw’Afrika na wewe uburongoye mwavuze ko abategetsi b’Uburundi batubahirije ibwirizwa nshingiro bazogira ingorane, none ivyo mwavuze vyararenzwe ko"?

Nkosazana Dlamini Zuma yamwishuye ati:" Ingorane zo mu Burundi zatanguye kuva muri Ndamukiza 2014, ico gihe naciye ntanguza ibiganiro hagati mu barongozi bo mu karere, kuko narabona neza ko mu Burundi hashobora kwaduka ingorane, eka naranishikiyeyo. Ndetse n’abandi basomye ibwirizwa nshingiro ry’Uburundi n’amasezerano y’i Arusha barabonye ko bitomoye, ko hamwe yokwitoza coba ari ikiringo ca gatatu. None raba ingorane biriko biratera mu bihugu bibanyi vy’Uburundi biguma vyakira impunzi kandi ari navyo twashaka kurwanya."

Nkosazana Dlamini Zuma, avuga kandi ikintu ca mbere cihutirwa ari kugaruka amahoro mu Burundi, kuko abantu bari hagati y’ibihumbi 25 na 30 bahunze, vyerekana ko ata mahoro ahari. Akibaza ati:" Mbega ubona abantu bariko bahunga, wovuga ko uriko utegura amatora gute? Twebwe ntiturota tujayo ngo tugiye gufasha amatora kandi duhura n’abahunga. Kira noneho simbona n’uko amatora yoba ibintu bimeze kurya".

Uwo arongoye Ubumwe bwa Afrika, avuga ko aravye ivyabaye muri Burkina Faso bisa n’ibiriko biba mu Burundi, rero avunira akagohe abarongozi b’Afrika, kwama bisunga amabwirizwa Nshingiro yabo, hanyuma hagize ico boshaka guhindura, babikorane n’abandi ntihabe akarwi kamwe kavyikorana


Cherif Nkeshimana

Messages

  • Tout est dit, avec une precision chirurgicale. Si donc Nkurunziza depose sa candidature demain le 9 mai a la CENI, il y,aura un putsch au Burundi, dans les 48h qui suivront. Et le putsch viendra de la rue. Ne me demandez pas comment.

  • iryo jambo ni gishingantahe pe!

  • iryo jambo ni gishingantahe pe!

  • Uburundi bufize intara 18 intara ya Bujumbura niyo ifise agace gahangayikishijwe nabobagumutse, kubwivyorero ndasavye integuro yamatora ibandanye nkuko yateguwe muntarazindi ekambere nigice kinini ca Bujumbura hanyumabarindire abobagumutse twebwe twahejeje gutora bizobabibabaje igihe twebwe intaranyishi duhagazeneza kumutekano mwoca muduhira abobagumutse! Bizobavyerekanyeko aritwebwe twakozenabi Ko dusumbwa nabagumutse badashika na makomine 10 muma comine yababa 200 agize uburundi.

  • madamu jewe nibaza ko ikibarirwa ari icumva icerekwa nikibona, president buyoya yavuze ati pita akitoza azoba arenze amategeko yigihugu, umuntu wese azi amategeko icarico aratera ivyatsi uyo mu president none ga yemwe asha iki ? ashaka gukwegera igihugu mungorane none harya avuga ngo aratinya imana ntamana atinya kuko ntaba ariko arenga amategeko ayazi nnone pasteur yicaye iruhande yiwe avuga iki muri kigihe ? azosubira kuja kwigisha abantu ijambo ry’imana nivyo bariko barakora namaba azoja kwigisha barya bamugendanira.

  • Jewe mbona ko atabundi buhanuzi busumba ngaho kuko nkosazana dlamini zuma kugira asohore itangazo nkidyo yabanje kuraba impapuro za lusha ikibwigwa nicunva murantuge

  • Intwaro mbi yose irisambura yo nyene. Ivyo ni ibisanzwe ko intwaro ya Nkurunziza isenya imbwirizwa shingiro n’amasezerano ya Arusha. Niko vyabwirizwa kugenda kuko intwaro mbi imere kurya inzoka y’irya ikimara.

  • Mbe Uwo Mukecuru Ubwenge Ntibupanze Neza Araza Atembere Hagati Mu Gihugu Arabe Uwo Mutekano Utahari Yoba Addis-abeba Akabona Mu Rumonge Nyanza Kayogoro Cankuzo Karusi Kayanza Nanyeshenza Akabona Ko Amatora Atobandanya Ni Bagumutsi Bagomba Kugaburana Ibibanza Batamanje Guhiganwa Murabesha Nihubwicanyi N,ubukozi Bwikibi Vyongerekanye Kugir,amatora Asibe Birabankiye Ivyo Uwo Mugore Yavuze Nivyarundwamwo

  • Le flou dans la redaction d’une Constitution nationale ne devrait pas profiter a une et une seule personne en president sortant du Pays, ici Nkurunziza, selon la Cour constitutionnelle, mais non. Le flou aurait du aller a l’avantage du Peuple c.a.d. prendre en compte des vÅ“ux et souhaits du Peuple burundais qui ne veut plus revoir Nkurunziza a la tete du Pays. Amakosa aracabandanya, s’il ne renonce pas vite a sa candidature...

  • Wewe wiyise Kirundo, uvuze ngo uburundi bufise intara 18 ngo 17 zose ziratekanye. Reka nanje ndakwibarize. Har’ingingo n’imwe ihambaye yerekeye uburundi iraturuka mur’izo ntara 17? Je veux dire après l’indépendance.

  • intara zindi ntaburongozi bubayo uburongozi buba i bujumbura ninaho hava amabwiriza agenda muzindi ntara nukuvuga ko vyiza cg bibi biva i bukuruhu ariho bujumbura ntiwitwaze ngo muzindi ntara hari amahoro

  • MBEGA YEMWE NKURUNZIZA ARAKUNDA ABARUNDI ARAKENYEYE YIHE AKAMENYO MUMAKUNGU AGIRE UMWUGA INTAMBARA .RABA NAMAKUNGU ARADUKUYEKO AMABOKO!MANA INGINGO YANYUMA NI IYAWE.

  • Azitoza nye kandi bizokunda kuko na Concours national yaraye ikozwe Ntimwavyumviseko Amatora azogenda neza Abohunga nabo nubundi ntibomutoye Ahubwo bamuha inguvu kuko uwo botoye niwe azohomba Ntibazovuge ngobabivye aribo bataje gutora

  • niyicare hasi nyabuna petero nkurunziza atekereze uwo ni satani ariko amuhenda ntiyibaze yuko Imana itabibona amabwa ariko arakorera abarundi ivyo vyose azovyishura

  • Perezida Kagame asanga Nkurunziza akwiye kureba kure niba abaturage batamushaka

    Yanditswe kuya 8-05-2015 saa 11:20’ na Deus Ntakirutimana

    Loading...

    Perezida Kagame asanga mugenzi we w’u Burundi Pierre Nkurunziza akwiye kureba kure mu gihe abaturage ayobora baba bamugaragariza ko batamushaka.

    Aho ari mu Busuwisi mu kiganiro cyateguwe na St.Gallen Symposium, ishuri ry’icyatwa mu bijyanye n’ubucuruzi muri icyo gihugu. Ni mu kiganiro gifite insanganyamatsiko igira iti “Proudly Small†bivuga, tugenekereje mu Kinyarwanda ngo “Guterwa ishema n’uko ungana n’iyo waba muto†.

    Perezida Kagame yatangaje bwa mbere uko abona ikibazo cy’u Burundi burimo kuvugwamo ibikorwa by’umutekano muke, n’icyo ubutegetsi bwa Perezida Pierre Nkurunziza bukwiye gukora.

    Yagize ati “Ikibazo cy’u Burundi ntabwo ari icyerekeranye na manda ya gatatu, ahubwo ni icyerekeranye n’icyo utanga†, aha akaba yasobanuye ko “udashakwa n’abaturage hari indi ntambwe aba agomba gutera†.

    Ati “Mu gihe abaturage bawe uyobora bakubwiye bati ‘ntidushaka ko ukomeza kutuyobora’, ni gute wavuga ngo ‘nzakomeza kubayobora mwanshaka mutanshaka?â€

    Yakomeje avuga ko abayobozi b’iki gihugu bagomba gukora byinshi mu guhagarika ikibazo cy’abenegihugu bakomeje guhunga.

    Ku ruhande rw’u Rwanda ngo ruzakomeza kwita ku mpunzi ariko hari nyirantarengwa.

    Perezida Kagame yagize ati “Tuzakomeza gukora ibishoboka byose twita ku mpunzi ariko si cyo kibazo. Ikibazo ni icyakorwa ngo he kugira abongera guhunga.â€

    Yasoje avuga ko icyo yifuriza umuryango we ari na cyo yifuriza Abanyarwanda bose, bagakomeza kuba abaturage b’igihugu gitera imbere.

    Perezida Kagame aherutse guhura na mugenzi we Pierre Nkurunziza i Huye, baganira ku bibazo bitandukanye birimo n’ikijyanye n’umutekano w’iki gihugu, ariko Itangazamakuru ntiryabona amakuru ku byavuzwe kuri manda ya gatatu mu Burundi.

    Mu Rwanda hamaze guhungira impunzi z’Abarundi zisaga ibihumbi 25 mu gihe iki gihugu kidafite ubushobozi bwo kurenza ibihumbi 50 nyamara hakivugwa ibikorwa by’umutekano muke.

    Abaturage cyane cyane abatavuga rumwe n’ubutegetsi, bakomeje kugaragariza Perezida Nkurunziza ko batifuza ko yongera kwiyamamariza umwanya w’umukuru w’u Burundi, ndetse barahiye kwigaragambya kugeza igihe azava ku izima akemera kutiyamamaza.

    Ibyo bikorwa bikomeje kugarika ingogo, aho ubu bimaze guhitana abayingayinga cyangwa abasaga 15 hagakomereka abatazwi umubare biganjemo abashinzwe umutekano (Polisi) n’abasivili cyane cyane abana.

    Deus Ntakirutimana
    [email protected]
    twitter:@NtakirutaDeus

    IZINDI NKURU WASOMA

    Amakuru | U Rwanda

    U Rwanda mu bihugu birindwi byageze ku ntego y’uburezi bw’ibanze kuri bose

  • ICOMBONA IKIBAZO COMUBURUNDI GIHAGAZE KUBANTU BISHINGA GUSHINGA IMIGAMBWE ATABANYWANYI KUBWIVYO BAKICWA NTINTUNTU YUGUTWARA NICO GITUMA BASA 2CHOSES:KUTITOZA KWA NKURUNZIZA GAMWE NA TRANSITION NAVYO IVYO NTIBISHOBOKA MUGIHE BISAMBA NAMA CARTIER 6 YO MUMAKOMINE YIBUJUMBURA KURI 129 KOMINES BABIGIRA BIBAZA KO HARI ABAZOBIGANA BASANGA BATAMBA BIRORERA KUBWIVYO TURATEKANYE AHUBWO KUGEZA UBU NSABA AMATORA KO AHUBWO YONYARUKA.ABAFISE ABANYWANYI BAJANYE AMADOSIYE ABATABAFISE NTANYUNGU YOKWIYARARAZA.BAGAFATA BACANGERO BAGASHIRA MWIBARABARA.MBE IYO NKURUNZIZA AZAKWIYAMIRIZWA NABARUNDI NTIYARI KWITOZA KUKO ATABARI KUMUTORA BARYA NABAMUTINYA KUMUHANGA KURUBUGA RWA ICOMBONA IKIBAZO COMUBURUNDI GIHAGAZE KUBANTU BISHINGA GUSHINGA IMIGAMBWE ATABANYWANYI KUBWIVYO BAKICWA NTINTUNTU YUGUTWARA NICO GITUMA BASA 2CHOSES:KUTITOZA KWA NKURUNZIZA GAMWE NA TRANSITION NAVYO IVYO NTIBISHOBOKA MUGIHE BISAMBA NAMA CARTIER 6 YO MUMAKOMINE YIBUJUMBURA KURI 129 KOMINES BABIGIRA BIBAZA KO HARI ABAZOBIGANA BASANGA BATAMBA BIRORERA KUBWIVYO TURATEKANYE AHUBWO KUGEZA UBU NSABA AMATORA KO AHUBWO YONYARUKA.ABAFISE ABANYWANYI BAJANYE AMADOSIYE ABATABAFISE NTANYUNGU YOKWIYARARAZA.BAGAFATA BACANGERO BAGASHIRA MWIBARABARA.MBE IYO NKURUNZIZA AZAKWIYAMIRIZWA NABARUNDI NTIYARI KWITOZA KUKO ATABARI KUMUTORA BARYA NABAMUTINYA KUMUHANGA KURUBUGA RWA PORITIKE.

  • ICOMBONA IKIBAZO COMUBURUNDI GIHAGAZE KUBANTU BISHINGA GUSHINGA IMIGAMBWE ATABANYWANYI KUBWIVYO BAKICWA NTINTUNTU YUGUTWARA NICO GITUMA BASA 2CHOSES:KUTITOZA KWA NKURUNZIZA GAMWE NA TRANSITION NAVYO IVYO NTIBISHOBOKA MUGIHE BISAMBA NAMA CARTIER 6 YO MUMAKOMINE YIBUJUMBURA KURI 129 KOMINES BABIGIRA BIBAZA KO HARI ABAZOBIGANA BASANGA BATAMBA BIRORERA KUBWIVYO TURATEKANYE AHUBWO KUGEZA UBU NSABA AMATORA KO AHUBWO YONYARUKA.ABAFISE ABANYWANYI BAJANYE AMADOSIYE ABATABAFISE NTANYUNGU YOKWIYARARAZA.BAGAFATA BACANGERO BAGASHIRA MWIBARABARA.MBE IYO NKURUNZIZA AZAKWIYAMIRIZWA NABARUNDI NTIYARI KWITOZA KUKO ATABARI KUMUTORA BARYA NABAMUTINYA KUMUHANGA KURUBUGA RWA ICOMBONA IKIBAZO COMUBURUNDI GIHAGAZE KUBANTU BISHINGA GUSHINGA IMIGAMBWE ATABANYWANYI KUBWIVYO BAKICWA NTINTUNTU YUGUTWARA NICO GITUMA BASA 2CHOSES:KUTITOZA KWA NKURUNZIZA GAMWE NA TRANSITION NAVYO IVYO NTIBISHOBOKA MUGIHE BISAMBA NAMA CARTIER 6 YO MUMAKOMINE YIBUJUMBURA KURI 129 KOMINES BABIGIRA BIBAZA KO HARI ABAZOBIGANA BASANGA BATAMBA BIRORERA KUBWIVYO TURATEKANYE AHUBWO KUGEZA UBU NSABA AMATORA KO AHUBWO YONYARUKA.ABAFISE ABANYWANYI BAJANYE AMADOSIYE ABATABAFISE NTANYUNGU YOKWIYARARAZA.BAGAFATA BACANGERO BAGASHIRA MWIBARABARA.MBE IYO NKURUNZIZA AZAKWIYAMIRIZWA NABARUNDI NTIYARI KWITOZA KUKO ATABARI KUMUTORA BARYA NABAMUTINYA KUMUHANGA KURUBUGA RWA PORITIKE.

  • Reka Mvuge Simvura Amatora Akwiy Kwegezwayo.

  • none hokogwa iki? kugira uburundi bubandanye iterambere bwaribugezeko

  • burya nkurunziza akwiye guheba
    *kwitoza
    *guhanura abanyamugambwe wiwe akabigisha kubana n’abo badasangiye imigambwe
    *gukura ibirwanisho mu monerakure no mubakuru b’umugambwe
    *gutanga liberte d’expression àtous et aux médias.

  • kumbwanje akoba yarenze amasezerano yobivamwo ahandiho vyo dukwegera akaga

  • Je mbona icokiringo yogiheba kugira abarundi ntiducanemwo

  • JE ABARUNDI BARANTANGAZA!BIBAGIYE IVYABAYE MURI LIBYA

  • JE ABARUNDI BARANTANGAZA!BIBAGIYE IVYABAYE MURI LIBYA

  • gwasa yaciyahebu mugambwe

  • Nibamureka Pap Atware Azotwar Mpaka Nabatuts Bagitway Kuv62 Gska 2005

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.