Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umukuru w’Igihugu Petero Nkurunziza na Jakaya Kikwete ntibatumiwe mu nama (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Umukuru w’Igihugu Petero Nkurunziza na Jakaya Kikwete ntibatumiwe mu nama (...)

Umukuru w’Igihugu Petero Nkurunziza na Jakaya Kikwete ntibatumiwe mu nama y’akarere

lundi 1er Mukakaro 2013

Inyuma y’uguhura kw’abakuru b’ibihugu bitatu vyo mu karere ka Afrika y’Ubuseruko navyo bikaba ari Urwanda, Kenya na Uganda, abantu benshi baribaza igituma abakuru b’ibihugu bibiri bisigaye batatumiwe muri iyo nama yabereye mu gihugu ca Uganda.

Muri iyo nama rero ngo havugiwemwo ibintu vyinshi bikomeye kandi biraba akarere na cane cane nk’ibikorwa vy’iterambere ry’akarere. Abandi nabo bibaza ko na ya soko rusangi ibihugu bitanu vyo mu karere yahora ivurwa ko ishobora kutaja mu ngiro.
Nk’uko aya makuru tuyakesha ikinyamakuru The Observer co mu gihugu ca Uganda, kivuga ko igihe abamenyeshamakuru babaza igituma Nkurunziza na Kikwete batitavye inama, bishuwe ko bidateye isoni ko ariko mu minsi bazoshikirizwa icegeranyo c’ivyayivuyemwo.

Ariko ngo naho bidateye isoni ko abo bakuru b’ibihugu bibiri batitavye iyo nama, ariko iyo nyishu ntiyahumurije abamenyeshamakuru kuko iyo nyishu itasiguye neza imvo n’imvano yatumye batitaba nya nama nk’uko The Observer kibandanya kivyandika.

Umushingamateka wo mu karere ka Afrika y’Ubuseruko ( EALA) Dan Kidega yarerekanye impungenge z’’ibikorwa vy’akarere k’Ubuseruko ndetse no ku bw’iyo nama yariko iraba ariko abakuru b’ibihugu vya Tanzaniya n’Uburundi batatumiwe. Kidege avuga ko kuba inama y’abakuru b’ibihugu bitatu yarafashe ingingo zimwe zimwe zijanye n’ivy’akarere hari bamwe bari mw’ishirahamwe batatumiwe, ati ntakabuza izo ngingo zishobora kutagira inguvu zikwiye mu gihe izo ngingo zitumvikanyweko na bose. Abandanya avuga ko bimwe mu vyemeranijwe vyari vyaramaze kuganirwako ndetse no kwemezwa, ariko agatangazwa n’ukwumva ibihugu bitatu biganira ku bintu bimwe bimwe harimwo ni vyari vyaremejwe.

Museveni, Kagame na Kenyatta bemeje amasezerano yo guteza imbere imibano n’iterambere mu bihugu barongoye, bemeza ndetse kunagura inyubakwa ry’inzira ya gari ya moshi ihuza ibihugu bitatu, gukuraho uruja n’uruza rw’ibicuruzwa n’abantu ndetse no kwubaka ingomero za peterori zihuza ivyo bihugu. Ikindi abo bakuru b’ibihugu bitatu bemeje ni ukwubaka uruganda rutunganya bimwe mu bikomoka kuri Peterori mu gihugu ca Uganda, kudandaza umuyagankuba ndetse n’ukurondera izindi nguvu zotanga umuyagankuba. Ibihugu vya Uganda, Kenya n’Urwanda vyemeje kwihutisha imigambi y’ishirwaho ry’indangamuntu ziranga abanyagihugu b’ivyo bihugu.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.