Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Nouvelle Zélande : hahimbajwe ubugeni bwa mbere ku bahuza ibitsina (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Nouvelle Zélande : hahimbajwe ubugeni bwa mbere ku bahuza ibitsina (...)

Nouvelle Zélande : hahimbajwe ubugeni bwa mbere ku bahuza ibitsina babisangiye

lundi 19 Myandagaro 2013

IInyuma y ‘uko amategeko yo mu gihugu ca nouvelle Zélande yemera ubugeni bwabahuje ibitsina babisagiye atorewe, ubugeni bwa mbere bwahimbajwe kuri uyu wa mbere. Kikaba kibaye igihugu ca mbere mu bihugu vy ‘Aziya Pacifique cemeje iryo tegeko ku bahuza ibitsina babisangiye.

Igihuga ca Nouvelle Zélande kikaba kibaye ica 14 cemeje itegeko rirekurira ukwubakana ku basangiye ibitsina. Uwuserukira ishirahamwe ry’ukungana kw’ibitsina mu vyerekeye ubugeni Conrad Reyners yavuze ati: ‘’Turakeje cane abo bageni bambikanye impeta uno munsi. Ubu twovuga ko hariho ukungana mu vyerekeye ubugeni mu gihugu ca Nouvelle Zélande".

Ariko rero, ntimugire ngo ubwo bugeni bwanezerejwe na bose. Abo mw’ishirahamwe ‘’Family first basanzwe bari biyamirije ko iryo tegeko ryemerwa, bavuga ko ubwo bugeni ari igikorwa c’ugushirisoni, kuko bariko baratosekaza imico n’imigenzo y’ico gihugu. Ivyiyumviro bikaba bitandukanye cane mu ba Kirisu bo ngaho muri Nouvelle Zélande. Ishengero katolika ryoryo ririyamiriza ryivuye inyuma ubugeni ku basangiye ibitsina, ariko abo mw ‘idini ry ‘anglikane, aba baptistes hamwe n’aba métodiste ntibahuza na gato ku vyerekeye ico kibazo c’abo bahuza ibitsina babisangiye.

Umupastori wo mw‘idini rimwe ryo ngaho ryitwa Eglise unitaire i Auckland, we arabishima akavuga ati ni nka kahise kariko karikora, uwo mupasitori akaba ari nawe yahezagiye ubukwe bwa bigeme babiri Tash vitali afise imyaka 37 hamwe na mel Ray afise imyaka 29. Twizere ko ivyo bizotuma ibindi bihugu bikora gurtyo bibere na karorero ibindi bihugu ko umuntu wese afise uburenganzira bwo kwubaka batarinze kuraba uwo bakundanye uwo ariwe‘’. Ishengero anglicane rikaba ryasavye abapasitori baryo ko batohezagira ubugeni bw ‘abantu basangiye ibitsina, ryasavye kurindira ikoraniro ridasanzwe ritegekanijwe mu mwaka wa 2014, aho bazokwiga ico kibazo.

Igihugu kizokora ihimirizwa ku banyagihugu bo ngaho muri Nouvelle Zélande basanzwe baba mu mahanga. Abanya Nouvelle Zélande ni abantu bihanganira abantu baba bafashe ingendo yabo yindi yo kubaho nk’aba nemezwa neza ko igisata c’ingenzi kizofatiraho akaryo ko kwakira ingezni nyishi, vyamenyeshejwe n ‘ umuyobozi w ’ikigo kijejwe ingenzi muri co gihugu Kevin Bowler ku mboneshakure TV3.

Umwe mu bahuza ibitsina ku babisangiye yaravuye mu gihugu ca Australiya aje kugira ubugeni i Wellington , Paul Mc Carthy avuga ati: ‘’Nta mahembe dufise ku mutwe, kandi ntituri ibisigo nta nakimwe mu kwiye gutinya ‘’.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.