IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Ishavu riraniga ku banyeshure bari biteze kuja kubandaniriza ivyirwa vyabo (...)

Ishavu riraniga ku banyeshure bari biteze kuja kubandaniriza ivyirwa vyabo hanze

mercredi 24 Mukakaro 2013

Nta banyeshure bahejeje imyaka ine ya kaminuza bazosubira kurungikwa kwiga hanze kubandanya igice ca mbere c’amashure yabo, mu bisata bisanzwe vyigishwa muri kaminuza y’Uburundi, ivyo bimenyeshwa na Denise Rukundo ajejwe igisata c’ukurungika abanyeshure kwiga hanze.

Leta y’uburundi yarahagaritse kuza irarungika abanyeshure bahora baja kubandanya mashure yabo mu bihugu vyo hanze. Mu gice ca mbere bimwe bita 1er cycle, kiretse mu bisata bidakurikiranwa mu Burundi nk’akarorero ubuhinga mu burimyi n’inganda, mu gutumatumanako amakuru hamwe n’ubuhinga bwa none.

Ivyo bikaba vyamenyeshejwe n’umuyobozi w’igisata kijejwe kurungika abanyeshure kwiga hamwe no kwimenyereza kiri mu bushikiranganji bw’amashure yisumbuye hamwe n’ubushakashatsi umupfasoni Denise Rukundo. Ivyo bikaba bibaye mu gihe abanyeshure bahejeje amashure yisumbuye baronse amanota meza muri ca kibazo ca Leta kibaha uburenganzira bwo kuja mu mashure ya kaminuza, bidoga ko baronse amanota meza ariko batarungitswe hanze kwiga.

Umuyobozi ajejwe ivyo kurungika abo banyeshure hanze kubandanya amashure canke kwimenyereza, amenyesha ko bizimvye cane kuri Leta y’Uburundi, ahubwo ngo ni ukuraba bakongereza akanovera inyigisho zari zihasanzwe, mbere amanyesha ko ibisata vyo mu nyigisho z’amashure yisumbuye ziriko ziratera imberezo mu mashure yisumbuye.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.