Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Côte d’Ivoire : Ntawuzosubira kurungikwa muri sentare mpuzamakungu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Côte d’Ivoire : Ntawuzosubira kurungikwa muri sentare mpuzamakungu (...)

Côte d’Ivoire : Ntawuzosubira kurungikwa muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha

lundi 13 Ndamukiza 2015, par IGIHE

Abagirizwa kuba barakoze ivyaha vyo mu ntambara yakurikiye amatora yo mu mwaka w’2010 na 2011, mu gihugu ca Côte d’Ivoire, ntibazosubira kurungikwa gucirwa imanza muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha ,nk’uko bishikirizwa n’umukuru w’ico gihugu Alassane Ouattara.

JPEG - 28.4 ko
Alassane Ouattara arongoye cote d’Ivoire

Agira ati : "Nta numwe azosubira kujanwa muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha, bose bazocirirwa imanza mu gihugu ca Côte d’Ivoire."
Akaba yabimenyesheje igihe yari aramutse ahura n’abakozweko n’iyo ntambara yabaye inyuma y’amatora. N’aho yasavye abasanzwe bashigikiye Bagbo gusaba imbabazi, umukuru w’igihugu Alassane Ouattara yanse kwemera ko yoba yaragize aho ahengamiye mu manza zaciriwe cane cane abo batavuga rumwe, n’abanywanyi ba Laurent Bagbo, kuko kuva iyo ntambara irangira, abagiye bacirwa imanza ari abanywanyi ba Laurent Bagbo.

Mukibuka ko n’umupfasoni wa Laurent Bagbo ari mu bamaze gucirwa imanza, akaba aheruka gucirwa imyaka 20 yo gufungwa. Akaba yagirizwa na sentare mpuzamakungu mpanavyaha, kuba yarakoze ivyaha vyo mu ntambara, ariko ubutegetsi bwa Côte d’Ivoire bukaba bwaranse kumurungika i La Haye.ahasanzwe hafungiwe umugabo wiwe Laurent Bagbo, hamwe na Charles Ble Goudé.


Floxella Karire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.