Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Nta buzi buhariwe abagore gusa canke abagabo gusa - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Nta buzi buhariwe abagore gusa canke abagabo gusa

Nta buzi buhariwe abagore gusa canke abagabo gusa

lundi 14 Gitugutu 2013

Hari ibintu vyinshi bifasha kugira umubiri wacu use neza, mu kuwugirira isuku, mu kuvura indwara zimwe zifatira ku rukoba eka ndetse no kuwugira mwiza. Vyishi muri ivyo, ni amavuta y’ubwoko bwinshi adandazwa mu maduka canke kwa muganga, ayo nayo agatuma umuntu agira umubiri woroshe, kandi usa neza.

Ikinyamakuru IGIHE, kikaba cagendeye ibibanza bimwe bimwe bidandarizwamwo ubwo bwoko butandukanye bw’amavuta haba ayo bisiga canke ayo bipompa, eka ndetse muri ayo maduka hakaba hadandarizwa n’imwe mu mishatsi abapfasoni basanzwe bambara.

Félicien Bizimana batazira Kbuga ni umunyarwanda asanzwe adandariza mu nsi y’ibanki BCB, ari mw’iduka nini yuzuye amavuta y’abagabo, abagore, abana, imishatsi batera abigeme n’abapfasoni n’ibindi vyinshi. Amenyesha ko urwo rudandaza arumazemwo imyaka 18, aho yatanguye kudandariza mu Rwanda mu mwaka w’ 1995, mu nyuma aca aza mu Burundi mu mwaka w’2005. Tumubajije icatumye ava mu gihugu ciwe akaza gukorera mu Burundi, avuga ko yabonye mu Burundi atari benshi bari bwijukire urwo rudandazwa, aca abona yoza kuhakorera, ariko ubu, basigaye ari benshi, ndetse ugasanga basakuranwa abasumyi, ariko naho biri ukwo, arishimira cane iterambere ry’urwo rucuruza kuko rumutungiye umuryango wiwe (umpfasoni n, abana babiri ) n’imyiryango y’abakozi biwe ba 2.

Ku bijanye naho arangurira ibidandazwa vyiwe, Kabuga avuga ko abitumako mu bihugu bibanyi nka Tanzaniya n’Ubuganda, kandi agatumako ivyo aba abona ko biba bisa ni vyaheze. Mu kibanza Kabuga akoreramwo kirateye igomwe, aho na we nyene yiyemerera ko ata muntu amugendera abura ico ashima naho atogura. Agirako amenyesha ubwoko bumwe bumwe bw’amavuta adandaza kandi abantu bakunda : Eclat Total y’abigeme n’abapfasoni agurwa amafaranga y’amarundi 60.000, Chateau Rouge agurwa 80.000, Pr. Francoise, Dove, Clear Touch, Top Cream, Babaria n,ibindi vyinshi. Kabuga avuga ko atadandaza amavuta gusa yo kiwsiga, ko ahubwo adandaza n’imishatsi y’abafasoni n’abigeme. Ubwo bwoko nabwo afise bukaba ari :La Folle, Woman hair, New Viva, Daniella, Movit n’iyindi.

Kabuga akaba yemeza ko atakazi katagira ingorane, atanga akarorero aho amaze kwandikira ikete ihinguriro COPAR Product rya Rudipaint arisaba ko ryobaha amavuta risanzwe rihingura, ariko ataronka inyishu canke amenye igituma. Ikindi n’ubukene buri mu bantu, aho ibidandazwa vyiwe bidasohoka neza, kuko benshi usanga batinya ibiciro vy’amavuta canke imishatsi.

Mu kurangiza, akaba atera akamo urwaruka gukura amaboko mu mpuzu rugakora kuko atakazi kaba gato, kandi rumenye neza ko ibihe tugezemwo atakazi k’abagore canke k’abagabo. Kabuga aremeza ko ako kazi ko kudandaza amavuta n’imishatsi vy’abakenyezi hari abagabo benshi batogakora, kuko bokwibaza ko ari ubuzi bw’agagore kandi bugoye. Arabahumuriza ko kamutunze, kandi uwariwe wese yogakora, gusa bisaba umwete ntangere.


Chérif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.