Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ntagisivya urukino rw’igihugu ca Bresil n’Ubwongereza ruzoba - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Ntagisivya urukino rw’igihugu ca Bresil n’Ubwongereza ruzoba

Ntagisivya urukino rw’igihugu ca Bresil n’Ubwongereza ruzoba

vendredi 31 Rusama 2013

Urukino rwa kivandimwe ruzohuza igihugu ca Bresil n’ubwongereza rutegekanijwe ku musi w’Imana uza igenekerezo rya 02 Ruheshi 2013, ku kibuga c’umupira w’amaguru c’i Maracana de Rio de Janeiro nk’uko bivugwa n’ubutungane bw’igihugu ca Bresil kuri uyu wa kane.

Ikosa ry’ibiro vyo gutunganya ivy’urwo rukino ryahatswe gutuma urwo rukino rusiba kuri uyo musi ku kibuga c’umupira w’amagura c’i Maracana, ku mpavu z’umutekano, nk’uko bimenyeshwa n’abarongozi ba Leta ya Rio.

Sentare ya Rio yafashe ingingo yo gusivya urwo rukino, ariko amasaha make arangiye iyo ngingo yahavuye ihagarikwa inyuma y’ukwerekana neza ko ivyari inzitizi vyavuye mu nzira, mw’ itangazo ryashizwe ahabona n’abarongozi ba Leta ya Rio kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 31 Rusama 2013.

Umucamanza wa sentare ya Rio de Janeiro yahavuye amenyesha ko iyo ngingo ihagaritswe inyuma yaho Leta ya Rio yerekanye ko ku bijanye n’umutekano igiporisi co gucungera umutekano i Maracana gihagaze neza nk’uko itangazo ryavyerekana

Ubwa mbere, uwo mucamanza ntiyerekana neza ko ico kibuga gitunganijwe mu bisabwa vyose kugira gishobore kwakira inkino zihambaye canke n’iyindi misi mikuru itandukanye ikomakomeye. Ubu rero abakinyi bashimwe mu gihugu ca Bresil n’abakinyi b’igihugu c’ubwongereza bose bari i Rio aho bariko barimenyerereza kugira bashobore guhura bose biteguye narirya bazoba bari imbere y’abarorerezi bangana n’ibihumbi mirongo indwi na bine.


Prosper Ndayikeza

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.