Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ntarigera arenga i Vatikano kuva mu 2002 - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Ntarigera arenga i Vatikano kuva mu 2002

Ntarigera arenga i Vatikano kuva mu 2002

samedi 15 Ruheshi 2013

N’aho ibihugu vya Buraya vyamufatiye ingingo kuva mu mwaka w’2002 ko bidakeneye ku mwumva yakandagije ibirenge vyiwe ku butaka bw’ivyo bihugu, umukuru w’igihugu ca Zimbabwe Robert Mugabe, avuga ko azoreka kuja muri ivyo bihugu, ko mugabo azokwama yigira kuramutsa Nyene Ubweranda.

Umukuru w’igihugu ca Zimbabwe n’ubu ntaribagira ukuntu bagenziwe bahuriye mu birori vyo kwimika Nyene Ubweranda Papa Francois kw’igenekerezo rya 19 Ntwarante uyu mwaka w’2013, aho abakuru bibihugu bishika kuri 30, harimwo n’abandi 2 bo muri Afrika, bari bitavye ivyo birori, ariko ntashobore gufata akanya nawe ngo agiriranire ibiyago na bagenziwe, nk’uko abandi umunezero wari wose.

Mugabe rero iyo akumbuye gutemberera i bihugu vya Buraya, aca afata indege ikamujana gushika i Roma mu Butariyano, ariko urugendo rwiwe ruba ari urumujana i Vatican kwa Papa. Bivurwa ko aba Papa 3 bose yagiye kubaramutsa ku kirimba arikumwe n’umutambukanyi wiwe Grace, asokoje neza, insokozo bita Turban Turquoise, ariko aho hose bakaba badashobora guca kuruhukira mu mahoteri meza meza yo mu bihugu nk’Ubufaransa, Ubwongereza, Ubudagi, n’ahandi.

Mugabe rero w’imyaka 89, akaba ari mu bakuru b’ibihugu bike vyo muri Afrika bashobora ku guma ku ngingo baba bafashe ukwo yoba imeze kwose n’aho yoba ari mbi, kandi ngo naho amakungu yose yomuvira hasi, we ntaco bimutwara.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.