Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ntawuramenya igituma Lionel Messi ayorwa kenshi ariko arakina - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Ntawuramenya igituma Lionel Messi ayorwa kenshi ariko arakina

Ntawuramenya igituma Lionel Messi ayorwa kenshi ariko arakina

samedi 8 Ntwarante 2014

Umukinyi Lionel Messi arafise ingorane yo kuyorwa iyo ariko arakina, ntawuramenya rero ico iyo ndwara ivako.

Mu mezi 4 aheze, uwo mukinyi avuka mu gihugu ca Argentine amaze kudahwa incuro 3, ntawuramenya ako gaseseme ico gaturukako.
None yoba ari ingorane y’isuku ko muri ivyo bihugu tuzi bateye imbere muvy’isuku n’ibindi? Ubuherutse hari mu rukino rwahuje igihugu ca Argentine na Roumanie, muri urwo rukino rwa kivandimwe, uwo mukinyi mpuzamakungu amaze gutwara umupira w’inzahabu incuro 4, nta mahirwe yo kwinjiza yaronse. Inyuma y’iminota itarenga 7 y’urukino, uwo mukinyi yaciye afatwa naya ndwara afise yo kuyorwa mu gihe urukino rwari rutanguye gukomera.

Ibibazo rero ni vyinshi ku bakunzi canke ku bakunda kuraba inkino uwo mukinyi aba arimwo, hanyuma agafatwa no kudahwa. Ibibazo ni vyinshi. Bamwe bibaza bati: ”None yoba yaruhijwe n’inkino ko hari abamutanze badafise iyo ndwara? Abandi bati : ”None arwaye kubera umumenyereza Pep Guardiola yagiye? Abandi bati : ”Mbega yoba ari ya miti yanywa akiri muto kugira abe murermure imugarutse?

Gerardo Martino, ni umumenyereza w’umurwi wa FC Barcelone Lionel Messi akinamwo, nawe ati : ” Ntibisanzwe.” Abandanya avuga ko Messi amaze kwitura abaganga benshi kubera iyo ndwara ariko ntawuratora ico bivako. Kubwa Gerardo, ntaco bitwaye kuko umwimbu uguma ari mwiza.

Babajije uwo murwayi w’iseseme, yishuye abakunzi biwe ati : ”Vyama binshikira iminsi yose, haba mu nkino, haba mu myimenyerezo, eka naho mba ndi muhira. Ariko ni ibisanzwe.”

Raba aha munsi ingene yafashwe n’agaseseme aca arayorwa mu rukino hagati


Chérif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.